IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingwara y’amafyigo ibangamira abakenyezi kuruta abagabo

Ingwara y’amafyigo ibangamira abakenyezi kuruta abagabo

vendredi 9 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo munsi mukuru wahimbajwe mu Burundi mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’abanyeshure biga mu gisata c’ ubuganga ryatunganije isekeza ry’ukwipimisha ingwara z’igisukari, ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, ukuvyibuha birenze, kuko ivyo biri imbere mu bizana ingwara y’amafyigo.

Iryo sekeza ryitabwe n’abatari bake, abakenyezi hamwe n’abagabo twasanze bari ku mirongo miremire barindiriye kwipimisha, ivyo navyo bakaba babigirwa ku buntu kw’ishure rikuru nderabigisha ENS.

Abakenyezi twashoboye kuvugana bagaragaje umunezero wabo ko bashoboye gupimwa izo ngwara zose ku buntu, baranatera n’akamo bagenzi babo kugira ngo bijukire kwipimisha, nk’uko babivuga, umuntu araheza akamenya ingene amagara yiwe ameze kandi abaganga bagaheza bakamukurikirana hakiri kare.

Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe amafyigo ni umunsi wama uhimbazwa uko mwaka utashe, uhimbazwa umunsi wa kane wa kabiri w’ukwezi kwa gatatu, ukaba rero wahuriranye n’umunsi mukuru w’abakenyezi.

Muganga Sylvain Pierre NZEYIMANA yahagarikiye ico gikorwa c’ishirahamwe ry’abanyeshure biga ivy’ubuvuzi mu Burundi avuga ati : "Abakenyezi barabangamirwa cane n’iyo ngwara y’amafyigo kurusha abagabo. Ibiharuro biva mu vyigwa bitandukanye vyarerekanye ko abakenyezi bagwara gushika ku bice 14 kw’ijana, abagabo bakaba bafise ibice 12 kw’ijana.

Mu bituma abakenyezi bitaba Imana, ingwara y’amafyigo iza mu kibanza c’umunani, bisigura ko ku mwaka iyo ngwara ifata abakenyezi bashika hafi imirioni 195 mw’isi yose ikaba ihitana ibihumbi amajana atandatu (600.000) ku mwaka vy’abakenyezi.

Ingwara y’amafyigo kugira umuntu ayigware usanga vyaturutse ku zindi ngwara nk’iz’igisukari, ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, canke ukuvyibuha birenze. Iyo ngwara y’amafyigo irakarira abakenyezi bibungenze na cane cane abafise ivumbuka ry’umurindi w’amaraso kuko bironona amafyigo akaba rero ari naco gituma ishirahamwe ry’abanyeshure biga mu gusata c’ubuvuzi muri kaminuza y’uburundi ryashimye guhimiriza abantu ngo baze kwipimisha ku buntu izo ngwara.

Kubw’umukuru w’ishirahamwe ry’abanyeshure biga muri Kaminuza mu gisata c’ubuganga, Yves IRAKOZE, muri iryo shirahamwe bashatse guhimiriza abarundi kuko basazwe bafise ingeso itari nziza yo kwipimisha basinzikaye. Kari n’akaryo ko gutanga n’impanuro ngenderwako kubera ko iyo ngwara yamafyigo ishobora kwirindwa.

Yves IRAKOZE arongoye iryo shirahamwe ry’abanyeshure biga mu gisata c’ubuvuzi arashima kandi ingene ivyo bikorwa vyagenze kandi ko abantu bavyitavye ari benshi.


Ornella DUSHIME

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.