IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intwazangabo y’Uburundi muri AMISOM yashimiwe

Intwazangabo y’Uburundi muri AMISOM yashimiwe

vendredi 7 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Général de Brigade Venuste NDUWAYO, intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi, ari mu basirikare bakuru bo muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya yashimiwe. Abakejwe kubw’ibikorwa barangura aho muri AMISOM bose hamwe ni intwazangabo 30 zo mu bihugu bitandukanye vyarungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya.

Itangazo ryasohowe na AMISOM rivuga ko abo basirikare b’intwazangabo bashimiwe na Lt. Gen. Osman Noor Soubagleh asanzwe ariwe arongoye ingabo ziri muri AMISOM.

Umurundi Général de Brigade Venuste NDUWAYO asanzwe ariwe arongoye abasirikare b’Abarundi muri ico gihugu ari mu bashimiwe, akaba yashitse mu gihugu ca Somaliya ku kwezi kwa Mukakaro 2016.

JPEG - 121.8 ko
General de Brigade Venuste NDUWAYO, arongoye abasirikare b’Abarundi barungitswe muri Somaliya

Uburundi nico gihugu kigira kabiri gifise abasirikare benshi muri AMISOM, igihugu ca mbere akaba ari Uganda. Abategetsi ba AMISOM hamwe n’abo mu bumwe bwa Afrika barashima ibikorwa vy’abasirikare b’Abarundi bafatwa nkaba "bitumwako" mu kugaruza ibibanza biba vyigaruriwe n’abarwanyi ba Al Shabab, hamwe n’ugukingira umutekano w’abanyagihugu bo muri ico gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.