IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzego zibiri za Reta ntizivuga rumwe ku kibazo c’ubukene bw’igitoro

Inzego zibiri za Reta ntizivuga rumwe ku kibazo c’ubukene bw’igitoro

jeudi 20 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu hamwe n’ikigo OBR ntibavuga rumwe ku kibazo c’ubukene bw’igitoro. Ubushikiranganji bwashize ikibazo kuri OBR, abo muri OBR nabo barabibeshuza.

Damien Mpitabakana, ajejwe ivy’ibitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, yamenyesheje ko ubukene bw’igitoro bwatewe n’ikibazo c’ubuhinga muri OBR, ikibazo camaze amasaha ane ku munsi wa mbere, uwo munsi ukaba wari ukurikiye iyindi minsi y’akaruhuko (ku munsi wa gatandatu hamwe no ku munsi w’Imana), ari navyo vyatumye ioc gitoro gikena, nk’uko MPITABAKANA yabisiguye.

"Muri OBR bagize ikibazo c’ubuhinga. Ivyo bituma abarondera igitoro batakironka.", uko niko Damien MPITABAKANA yabishikirije, akavuga ko ico kibazo c’ubuhinga bw’ivyuma muri OBR camaze nk’amasaha ane, ariko ko cakemuwe, akizeza ko kuva kuri uwu wa kane, abarondera igitoro batangura kukironka batarinze gutonda imirongo umwanya munini.

Mu kigo OBR ariko barabeshuza ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe ivy’igitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu. Muri ico kigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta, bavuga ko ata kibazo c’ubuhinga bagize cotuma igitoro kitaboneka mu gisagara ca Bujumbura.

Imirongo y’abarondera igitoro ibandanya kwibonekeza, ariko mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bakizeza ko kuva kuri uwu wa kane ico kibazo c’ubukene bw’igitoro kidasubira kwibonekeza.


IGIHE

Messages

  • Ikikinyamakuru muje musunvya rpa ibihuha,uwambere koyabishirij nokuma radio uwo wa obr yabibabwiriye mu kabare? Emama ngo ibigori biva mu rwanda; harya baturusha kurima kotuzinanye? Inzara nabo irabishe n’indege barasohoye namwe ngo badufasha!

  • Bovuga rumwe gute ko basanzwe ari ubusimbirahamwe!!! Nibabwire Mkapa abahuze ko muribo atawagirizwa gutembagaza ubutegetsi wosanga bumvikanye!!! Ivya DD n’intwaro y’icaduka ntamabi namwe bitazozana mugihugu!!!

  • Ntangorane twogira z’igitoro kandi u Rwanda ruhari,erega nibo dufise bodufasha bonyene,Abanyarwanda ndabakengurukiye ku mpuhwe mudufitiye twebwe Abarundi

  • None Icogitoro gikenakuberik?Kandi Arivyo Biyemej?

  • ariko obr yajegukenesha abarundi? cangwayajeguteza imbere abarundi? kombonabaka imisoro irenzenubundituka batukirinyumakwi terambere. example muri Eac navugakoturabanyu ma murarabanezako bitajamumifukoyab amwemubatetsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.