IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Isale : Abantu babiri bagirizwa ubusuma bishwe

Isale : Abantu babiri bagirizwa ubusuma bishwe

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko imbere y’uko abo bantu babiri batorwa ibiziga, bari bafashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, bafise impene zitatu bivugwa ko bari bivye. Izo mpene zari zamaze gucibwa imitwe.

Inyuma y’ugufatanwa izo mpene, nk’uko bivugwa n’igiporisi, abo bantu babiri batowe ibiziga.

Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abo bihaniye abagirizwa ubusuma bafatwe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.