IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ATRABU ryemeza ko umugambi wo kwerekana aho imodoka zikorera (...)

Ishirahamwe ATRABU ryemeza ko umugambi wo kwerekana aho imodoka zikorera uzogira akamaro

jeudi 19 avril 2018

Charles NTIRAMPEBA arongoye ATRABU avuga ko umugambi wo gushira ku modoka zunguruza abantu ivyerekana aho zikorera vyatanguriye ku modoka zija mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, kandi ko biriko bikorwa neza, hasigaye gusa ko hajaho abakurikirana ko biriko bikorwa nk’uko vyategerezwa.

Mu gihe hakiboneka imiduga yunguruza abantu itagira ivyo biranga aho ikorera, Charles NTIRAMPEBA arahumuriza, akemeza ko nayo nyene, kuva kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, azoba yamaze gushirwako ivyo vyerekana aho zikorera.

Ati : « Ni igikorwa kibandanya buke buke, twatanguriye ku modoka nini kuri zitoya tuzotangura vuba cane. Mu ndwi itangura tuzotangura gushira kuri izo modoka ivyerekana aho zikorera. »

Ku makenga ya bamwe mu bagendesha imodoka zunguruza abantu bavuga ko badatahura iyo amafaranga 2000 vy’amarundi basabwa kugira bandikwe, Charles NTIRAMPEBA avuga ko ari agatererano batanga kugira baronke agahembo k’abakora muri ico gikorwa.

Charles NTIRAMPEBA ahumuriza ababa muri quartier ya Mirango, muri zone ya Kamenge bakunze kugira ikibazo co kwiyunguruza mu gatondo, ko nabo nyene kuva kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, ico kibazo gitanguye kwigwa neza, kugira gitorerwe inyishu.

.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.