IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe PARCEM ryashikirije ivyo rizoterera mu biganiro (...)

Ishirahamwe PARCEM ryashikirije ivyo rizoterera mu biganiro vyimirije

jeudi 23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM yashikirije ibintu bitanu ishirahamwe arongoye rizoshikiriza. Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ubutumwa bazoshikiriza muri ivyo biganiro bujanye no gusaba gushiraho aho abarundi boza barahurira baganira kugira barabe aho ayo masezerano ageze mu gushirwa mu ngiro.

Muri PARCEM bavuga ko ico bazohagararako ari ikijanye n’ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro bitoza bisambura amasezerano y’i Arusha, kuko ibwirizwa shingiro rikomoka kuri ayo masezerano.

"Namba ivyohinduka vyose mw’ibwirizwa shingiro vyotuma haba icuka kibi vyoca biba birahagaze bikazoba n’ikindi gihe, igihinduka coba icozana umwizero mu banyagihuhu n’umwuka mwiza wa poritike."

JPEG - 107 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Uwo arongoye PARCEM yashikirije ko ibindi bazoshikiriza ari ibijanye n’ivyokorwa kugira mu Burundi hashobore kuba amatora yizewe na bose, adakumira, aciye mu muco, ashobora gutanga inzego hamwe n’ivyokorwa kugira umutekano ubonwe kumwe na bose, kugira igihugu kizoshike aho ata mpunzi n’imwe yitwa iy’Umurundi ibaho.

Muri PARCEM bavuga ko mu vyoganirwako kandi muri ivyo biganiro, hojamwo ibijanye n’ugukura igihugu mu bukene, kugira habe iterambere mu gusubiza hamwe n’abasanzwe bafasha igihugu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.