IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko riha CNC ububasha gukurikirana amakuru aca ku buhinga (...)

Itegeko riha CNC ububasha gukurikirana amakuru aca ku buhinga ngurukanabumenyi ryemejwe

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo nteguro y’iryo tegeko izofasha guha urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru ububasha bwo gukurikirana amakuru aca ku buhinga ngurukanabumenyi bujanye n’ubuhinga bwa none hamwe no gutanga ikarata iranga umumenyeshamakuru izomufasha mu kazi abakora uwo mwuga.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yari gusigurira abakenguzamateka imvo n’imvano y’iryo tegeko, Nestor BANKUMUKUNZI yashikirije ko iryo tegeko risubiwemwo kuko ubuhinga bwa none bukoreshwa mu kumenyesha amakuru bwateye imbere, ivy’iryo tegeko bikaba vyakozwe kugira urwego CNC ruhabwe ububasha bwo gukurikirana amakuru aca ku buhinga bwa none "Internet".

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze kandi ko iyo nteguro y’iryo tegeko igiye gutanga ububasha ku rwego CNC kugira rwugurure ibiro hagati mu gihugu mu ntumbero yo gukurikirana amakuru n’ibiganiro bitangwa n’amaradiyo akorera hagati mu gihugu asanzwe atumvikana ku mugwa mukuru Bujumbura.

JPEG - 99.2 ko
Abakenguzamateka bemeje ijana kw’ijana iyo nteguro y’itegeko

Iruhande y’ivyo ,uwo mushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yashikirije ko muri iryo tegeko rishasha, hategekanywa gutanga ikarata iranga yaba ku mumenyeshamakuru, canke ku bimenyereza muri uwo mwuga, kugira bazokore akazi kabo bazwi, kuko, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji BANKUMUKUNZI, hibonekeza abakora uwo mwuga batazwi.

Inama nkenguzamateka yaciye yemeza ijana kw’ijana iryo tegeko. Abakenguzamateka 36 bari mu ngoro y’abakenguzamateka bose bemeke iyo nteguro y’itegeko, hamwe n’abakenguzamateka 2 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.