IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urwaruka > Iterambere ry’abigeme mu Burundi riracafise intambamyi zifatiye ku (...)

Iterambere ry’abigeme mu Burundi riracafise intambamyi zifatiye ku migenzo

jeudi 12 Gitugutu 2017

Mw’ijambo yashikirije,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko uyo musi ari akaryo ku gihugu kugira barabe intambwe yatewe kubijanye n’iterambere ry’umwigeme mu bisata vya poritike ,vy’ubutunzi ,vy’imico kama hamwe n’igisata kijanye n’akaranga.

Muri iryo jambo, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu ,imibano n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko Reta yama ikora ibishoboka kugira ishigikire agateka hamwe n’ imigambi y’abigeme b’abayabaga.

Muvyo Reta imaze gukora ,Martin NIVYABANDI avuga ko hariho amategeko amaze gusohoka,imigambi hamwe na poritike zizofasha gukingira ikumirwa ry’abigeme mu buzima bwabo bwa minsi yose .

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI ashikiriza ko icibonekeza ar ‘uko intambanyi zifatiye ku migenzo mu gihugu hamwe n’intambanyi zifatiye ku butunzi bibuza abigeme birimizi gutera imbere ariko ko mu mwaka wa 2025 bizoba vyatorewe umuti.

Umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’igenekerezo rya 19 kigarama 2011 ukama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 11 gitugutu uko umwaka utashe ,ukaba watanguwe guhimbazwa ku rwego rw’isi kw’igenekerezo rya 11 gitugutu 2012.

Mu gihugu c’Uburundi uyo munsi mpuzamnakungu watanguye guhimbazwa kw’igenekerezo rya 11 gitugutu 2013 ,uyu mwaka ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 12 gitugitu 2017 muri komine Murwi mu ntara ya C’ibitoke ku civugo kivuga giti: “Twame dushigikira umwigeme w’umuyabaga mu migambi yiwe ihambaye yo gushika mu mwaka w’i 2030”.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.