IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze arongoye RTNB abarizwa mw’ibohero rikuru rya (...)

Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze arongoye RTNB abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Jérôme NZOKIRANTEVYE yafashwe kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2017, akaba yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’iminsi 21 apfungiwe mw’igendereza aho yatanguriye, mu nyuma atwarwa mu gasho ka PJP (Police Judiciaire des Parquets).

Umunsi atabwa muri yompi n’igiporisi, Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko Jérôme NZOKIRANTEVYE apfunzwe yagirizwa kudandaza amatongo atari ayiwe (Vente illicite des parcelles) yo mu Maramvya.

JPEG - 28.2 ko
Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze arongoye RTNB yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze ari umuyobozi mukuru wa RTNB niwe yari kandi umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi, ariko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017 akaba ariho yasubirizwa.

Mu matora y’ukumusubiriza, uwitwa Jean Baptiste NIYONZIMA niwe yatsindiye kuyobora inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • iyimpuzamigambi reka yabishire mw’ibuye! Uzukuntu yavuga nkiyita icanishamwo abarundi umenga ntibizomuhindukirira! bagiye kumarana kandi bazohurira mw’ijuru!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.