IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika

Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika

jeudi 27 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama yariko ibera mu gisagara ca Luanda mu gihugu ca Angola yasozerewe kuri uwu wa gatatu abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bemeje ko bashigikiye ko amatora y’umukuru w’igihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yoba mu mwaka w’2018, aho akaba ari mu gihe vyari vyitezwe ko ayo matora aba mu mpera z’uwu mwaka w’2016.

Mu gihe ibiringo vy’umukuru w’igihugu Joseph KABILA vyoheze kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2016, ingingo yafashwe muri iyo nama n’uko ariwe nyene azobandanya kuyobora Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu myaka ibiri iri imbere.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa KABILA bamenyesha ko bari biteze ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bagondoza Joseph KABILA ko yokwemera ivy’ugutegura amatora.

JPEG - 56.4 ko
Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika

Jose Eduardo dos Santos, umukuru w’igihugu ca Angola, umwe mubari muri iyo nama, yahamagariye abatavuga rumwe n’ubutegetsi kwihangana kuri iyo myaka ibiri yongewe, akavuga ko vyoba vyiza amatora ateguwe mu buryo bwiza, hako impande zitavyemera zofata inzira y’ubugizi bwa nabi.

Godefroy Mwanabwato, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, yamenyesheje ko bidatangaje kubona abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bafata ingingo nk’iyo, akavuga ko benshi mu bakuru b’ibihugu bari muri iyo nama ari abahinduye amabwirizwa shingiro y’ibihugu vyabo, abandi bari ku butegetsi haraheze imyaka 25 n’iyirenga. Ku bwiwe, nta ciza cari kuva kuri abo bakuru b’ibihugu, mu bijanye n’ugusubiza ubutegetsi buri mu minwe ya Joseph KABILA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.