IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibirwanisho bigizwe n’inkoho n’ama Gerenade vyafatiwe mu Kamenge

Ibirwanisho bigizwe n’inkoho n’ama Gerenade vyafatiwe mu Kamenge

jeudi 12 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyo birwanisho hamwe n’ibikoresho vy’abajejwe umutekano vyafatanwe abantu batatu bariko biyunguruza bakoresheje imodoka yo mu bwoko bwa "Probox".

Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.

Ibindi birwanisho bigizwe n’inkoho imwe, gerenade imwe, imyambaro ibiri y’impuzu z’igiporisi, umwambaro umwe w’ibirato vy’igisirikare, hamwe n’iradiyo imwe abajejwe umutekano bakoresha mu guhanahana amakuru vyafatanwe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu mu gisagara ca Bujumbura umugabo azwi kw’izina rya NGENDANZI Isidore, muri zone Kinama, komine Ntahangwa, ku rugo rwiwe ruri muri karitiye ya Ngozi kw’ibarabara ry’indwi, inomero 27.

Nk’uko mu giporisi bavyemeza, uwo mugabo yafatanwe kandi ipikipiki yari yibwe hari haheze iminsi itatu muri zone ya Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura nyene.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.