IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Imodoka 6 n’ipikipi z’amapine atatu zononekariye mw’isanganya

Kamenge : Imodoka 6 n’ipikipi z’amapine atatu zononekariye mw’isanganya

lundi 2 avril 2018

Amakuru ava aho mu Kamenge, amenyesha ko iryo sanganya ryob ryavuye ku kaborerwe k’uwutwara imodoka yunguruza abantu Taxi, aho yatanguye kugonga ipikipiki hagati ya Karitiye Heha na Kavumu kw’ibarabara rya mbere.

Abari ngaho igihe vyaba, bavuga ko amaze kugonga ipikipiki, yaciye yanka guhagarara ahubwo aca yongereza umuvuduko mu guhunga, gushika aho ahitana n’izindi kw’ibarabara rya 11 rya zone Kamenge, zica zitangura kugongana.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, abantu babiri bari muri izo modoka zagonganye, aribo bajanywe kwa muganga, naho ata bikomere biboneka ku mubiri, bari bafise.

Ibarabara rya Kamenge-Kinama rikunze kubamwo amasanganya bivuye ku muvuko abagendesha imodoka batwaramwo imodoka, ,abanyagihugu basaba ko ko ryoshirwamwo udusozi tugabanya umuvuduko (Dos d’âne) .


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.