Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Imodoka 6 n’ipikipi z’amapine atatu zononekariye mw’isanganya
Kamenge : Imodoka 6 n’ipikipi z’amapine atatu zononekariye mw’isanganya
lundi 2 avril 2018
Amakuru ava aho mu Kamenge, amenyesha ko iryo sanganya ryob ryavuye ku kaborerwe k’uwutwara imodoka yunguruza abantu Taxi, aho yatanguye kugonga ipikipiki hagati ya Karitiye Heha na Kavumu kw’ibarabara rya mbere.
Abari ngaho igihe vyaba, bavuga ko amaze kugonga ipikipiki, yaciye yanka guhagarara ahubwo aca yongereza umuvuduko mu guhunga, gushika aho ahitana n’izindi kw’ibarabara rya 11 rya zone Kamenge, zica zitangura kugongana.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko, abantu babiri bari muri izo modoka zagonganye, aribo bajanywe kwa muganga, naho ata bikomere biboneka ku mubiri, bari bafise.
Ibarabara rya Kamenge-Kinama rikunze kubamwo amasanganya bivuye ku muvuko abagendesha imodoka batwaramwo imodoka, ,abanyagihugu basaba ko ko ryoshirwamwo udusozi tugabanya umuvuduko (Dos d’âne) .
Oscar NDAYISHIMIYE
Messages
3 avril 2018, 08:11, par Ntiranyibagira J CLaude
Uwomushoferi Nahanwe Kuko Yarakoze Amakosa
3 avril 2018, 10:54, par Nkundimana Elias
Uwomushoferi Nahanwe Hisunzwe Amategeko Ayomakosa Yakozenimeshi Igi POLICE Nigikore Akazikaco Nicobashiriweho.
3 avril 2018, 16:30, par ndihokubwayo charles
uw mushoferi nahanyw kand arih ivyononekay kuk birabujijw gutwar imodok wabirew