IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Karori NDITIJE, umukuru mushasha w’urunani CNARED

Karori NDITIJE, umukuru mushasha w’urunani CNARED

mardi 28 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Karori NDITIJE, umukuru w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu niwe mukuru mushasha w’urunani CNARED ruhurikiyemwo imwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

NDITIJE yotowe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2017 mu gihugu c’Ububirigi, akaba agiye mu kibanza cahoramwo Yohani MINANI yahejeje ikiringo ciwe.

JPEG - 54 ko
Karori NDITIJE, umukuru mushasha w’urunani CNARED

Ayo makuru y’itorwa rya Karori NDITIJE yatanzwe kandi yemezwa na Anicet NIYONKURU yahora ajejwe kumenyesha amakuru muri CNARED.

Icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED ni MUGWENGEZO Chauvineau, Onesime NDUWIMANA yigeze kuba umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD akaba icegera ca kabiri.
Anicet NIYONKURU yabaye umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED.


IGIHE

Messages

  • Ayomanyembwa nimuyagumuze mububirigi.komutoza kuyakorera hona kanada canke ositereriya canke amerika canke tanzania...........

  • natere imbere nkumuzinga.cnred ntizingame.tmuzi nk.inkerebutsi n.umuhinga muri politique.

  • natere imbere nkumuzinga.cnred ntizingame.tmuzi nk.inkerebutsi n.umuhinga muri politique.

  • NTA VYA CNARED.ABA BA DD NTUBONA KO ATARI INGUVU BATOVAKO.BURYA MUGWENGEZO YATUMWE NA MUZEHE KO JEWE UMENGO NDAMUZI KO YAHORANA AKENGE?

  • NTA VYA CNARED.ABA BA DD NTUBONA KO ATARI INGUVU BATOVAKO.BURYA MUGWENGEZO YATUMWE NA MUZEHE KO JEWE UMENGO NDAMUZI KO YAHORANA AKENGE?

  • @buhiri. Bwira izo mujeri... Gusa uzibabarire ntuzazikubite ubuhiri!!!

  • Ewe Nyangoma Na Minani , Ntibababwiye ? Cnard Ifise Beneyo !

  • ego turagukeje mushingantahe. uzorongore cnared neza. kandi burya uraza ukorane na sebarundi, ubundi zirya mbonerakure muzivaneko kuko ntituzikeneye. barya bahora bari imbonerakure mubaronderere ubundi buzi bakore bisununure batunge. kandi na zirya mfashanyo za buraya uzoze uzizanye kuko turazikeneye ego turagukeje mushingantahe. uzorongore cnared neza. kandi burya uraza ukorane na sebarundi, ubundi zirya mbonerakure muzivaneko kuko ntituzikeneye. barya bahora bari imbonerakure mubaronderere ubundi buzi bakore bisununure batunge. kandi na zirya mfashanyo za buraya uzoze uzizanye kuko turazikeneye gose.

  • Congratulations,mukumere kwibanga , igikorwa mwatorewe muzoruhuke aruko mugishikanye kuntabwe ishimishije. Nawe wi yita BUHIRI, ivyovyiyumviro vyawe nivyubwana, abo wavuze ngo bagume mububirigi, ngo ntibahonyoze amaguru mwivyo bihugu wadondaguye,,, ntanahamwe bimiriwe kwisi. Umusi bokwiyumvira guhurira muri Canada,canke muri AUSTRALIA ,canke USA ,bafise uburenganzira bwose, mbewibaza ivyo bihugu wavuze ubigereranya nuburundi?, ivyobihugu birazi yuko umuntu arumuntu, kandi nibihugu vyubahiriza agateka kamuntu.

  • indoto ziranyaruka karorinditije azotwaru bubirigi mububirigi nta perezida ariyo sinaredewe nturote wuririra kurinkurunziza nikibuye gikomeye cintamenwa murabanzemurabe ingabo afise nibishirira abanyagihugu cmushigkiye numusenyiwomuruzi ninyenyerizokwijuru sinarede we rekana nindoto indoto ziranyaruka

  • Raba Muzotuzanire Amahoro Arama

  • MUMWAKA WA 1950 MUBURUND AMASHAMBA XARIHO MENSHI NIBITI VYISHI ; HARIHO IBITI BITA UMURARANKONA NIVYO INKONA YARIKAMWO IKAVYARIRAMWO SOKURU YATUBWIRAKO INKONA ITARUZWA . NONE ABO BARI MUBUBIRIGI BASHAKA KWIHENDA NGO BARUZ,INKONA ! UMUGANI UGANA AKARIHO ;

  • murarushe... amase yakera ntagihoma urutaro

  • Mukomere Benewacu! Muga Murab Vyas Mu Maguru Dushire Mu Migere! Erega Ntakananira Abagabo! Mbga Urazi Ingn Twishw N’inzara! Ivyo Biganiro Bidahra! Iga Uwundi Mukenyuro!

  • Uwavuzeko Ururimi Runyarutsa Gukora Ntiyabeshe Abarundi Aho Tugeze Dukeney Uwotwara Tukironkera Amahoro Gusa Ibisigay Nibarabe Ibiri Mumasezerano

  • Uwavuzeko Ururimi Runyarutsa Gukora Ntiyabeshe Abarundi Aho Tugeze Dukeney Uwotwara Tukironkera Amahoro Gusa Ibisigay Nibarabe Ibiri Mumasezerano

  • Nimutahetwubakeigihuguivyobintuvyokumoteramubivemwontagacirobifisenyananimuzetwitegurireamatorayabibirinaventi2020?

  • sinarede yarose umutegetsi musha karori nditije mbabazwa nabo bahutu bisuka kurishushe minani na onezime nabandi nibibuke ayokagame yakoreye abahutu bamufashije gushika kubutegetsi abobahutu barimuri sinarede bibagiye ndadaye nakaribwami posiyano nibiyunvire bahindukire ingwe ntibintama

  • C N rede Nguvu Tera Imbere Nkumuzinga Ariko Ntimwishinge Mura Hindura Uburongozi Murabe Ingene Mugarura Igihugu Kiri Mubukorôni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.