Kenya : Uhuru Kenyatta yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 octobre 2017 saa 08:13
15600
0 0

Uhuru Kenyatta yari asanzwe aramutswa igihugu ca Kenya yasubiye gutorwa nfo atware ico gihugu,atsinze amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi 98 kw’ijana.

Naho abari biyandikishije gutora bitavye ku bice 39 kw’ijana,umukuru w’abatavuga rumwe Raila Odinga nawe agahamagarira abayoboke biwe kutitaba amatora nticabujuje ko Uhuru Kenyatta atsinda amatora.

Ayo matora yabaye asubiwemwo kuwa kane igenekerezo rya 26 gitugutu 2017,inyuma yaho sentare ntahinyuzwa imenyeshereke ko ayabaye mu kwezi kw’umunani yabonetsemwo utunenge, bituma ivyayavuyemwo bidahabwa agaciro.

Umukuru w’umurwi utegura amatora IEBC yavuze ko amatora yabaye kw’igenekerezo rya 26 gitugutu yabaye mu muco kandi ata tunenge.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha