IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo - Makamba : Amazu arenga 300 yabomowe n’imvura

Kirundo - Makamba : Amazu arenga 300 yabomowe n’imvura

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo mvura yatanguye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ku musozi Nyamabuye, komine Bugabira, intara ya Kirundo.

Imiryango yabomorewe amazu n’iyo mvura isaba abagira neza ko boyigarukirako, kuko itagira aho ikika umusaya.

Imvura yaguye irimwo umuyaga mwinshi yatumye kandi haguruka amazu atari make mu ntara ya Makamba. Muri zone Mukungu, hagurutse inzu 45 n’ishengero rya pentekoti. Zone Muyange, inzu 50. Zone Kabonga, inzu 75 n’ishengero rya "pentecôte. Zone Kazirabageni inzu 32 hamwe n’ibirasi bibiri vy’amashure. Muri Nyanza lac hagurutse inzu 28.

Muri ayo mazu yabomotse mu ntara ya Makamba, menshi muriyo ni ay’abanyagihugu baheruka guhunguka, bagasaba abagira neza ko bobagarukirako.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.