Makamba : Uwishe umwana wa mwenewabo yaciriwe umunyororo w’uguherayo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 Myandagaro 2017 saa 09:20
Yasomwe : 4347
0 0

Umugabo w’imyaka 44 azwi kw’izina rya Domisiyano NTAHOMVUKIYE yaciriwe na Sentare nkuru y’intara ya Makamba, umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, yagiriwe n’icaha c’ukwica Cédric NSABIYUMVA, umwana wa mwenewabo. Uwo mugabo ntahakana icaha yagirijwe, agasaba ko yogabanirizwa igihano.

Mu rubanza rw’ikibiriraho, uwo mugabo yagirijwe ico caha yasavye abacamanza ko igihano ciwe cokurwa ku munyororo w’ubuzima bwiwe bwose, kigashirwa ku myaka 20.

Uwo mwana w’imyaka cumi n’ine yishwe atemaguwe hakoreshejwe umupanga, mw’ijoro ryo ku munsi wa kane muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba.

Uwo mwana yishwe n’umugabo avukana na Se wiwe, uwo mugabo nyene akaba ariwe yakomerekeje n’umupanga kandi n’uwundi mwana avukana n’uwo yishwe.


Kumenyekanisha

1
Ntakirutimana John 6-09-2017 à 07:38

Icogihano kiramukwiye cane.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha