IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO yasabwe ko yokora yubahirije amategeko agenga (...)

Michel KAFANDO yasabwe ko yokora yubahirije amategeko agenga Uburundi

jeudi 29 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko Michel KAFANDO yari yaje kwidondora ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kugira amumenye, kuko ari irya mbere bari babonanye nawe.

Nk’uko bishikirizwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Michel KAFANDO yasabwe na Petero NKURUNZIZA ko yofasha mu gutsimbataza amahoro n’iterambere mu Burundi. Umukuru w’igihugu w’Uburundi akaba yamusavye ariko yokora yubahiriza amategeko agenga Uburundi hamwe n’amategeko mpuzamakungu.

JPEG - 90 ko
Michel KAFANDO yakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Ku ruhande rwiwe, Michel KAFANDO amenyesha ko ukurondera amahoro ari igikorwa gihoraho, akamenyesha ko amabanga yashinzwe atoroshe ariko ko azokoresha uburambe afise, mu kugrageza gutora umuti w’ibibazo vya poritique mu Burundi. Kugira igikorwa ciwe kizoranguke neza, uwo yahoze arongoye igihugu ca Burkina Faso yasavye abarongoye Uburundi kuzobigiramwo uruhara.

Inyuma y’uwo mubonano, bitegekanijwe ko Michel KAFANDO aca bandaniriza urugendo mu gihugu ca Tanzaniya, aho azobonana n’umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi Benjamin Mkapa, hanyuma akaja mu gihugu c’Ubuganda kubonana n’umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni.

Michel Kafando yagenywe kuba intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, kugira asubirire Jamal Benomar.

Michel KAFANDO yahawe ikibanza cahoramwo Jamal Benomar yasabiwe na Reta y’Uburundi ko yosubirizwa, kuko iyo Reta yamwagiriza ko ashikiriza ibitandukanye n’ukuri kw’Uburundi, kandi ko yumviriza uruhande rumwe rw’abadashigikiye Reta y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Iyo ntumwa uko ndabisomye numva ataco izoshikako kuko bamaze kumutera igitsure. Canke nasomye nabi? Ngo yoba yasabwe kubahiriza amatageko agenga Uburundi kandi n’Abarundi ubwabo batayubahiriza? Nzobandumva.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.