Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba: Umugabo yishwe afatiwe mu murima w’ibiraya
 Mugamba: Umugabo yishwe afatiwe mu murima w’ibiraya
 Mugamba: Umugabo yishwe afatiwe mu murima w’ibiraya
				
				samedi 9 Nyakanga 2017
Amakuru ava mu mugamba amenyesha ko Manasse NTIRAMPEBA yitavye Imana kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Nyakanga, ahitanywe n’ibiguma yakomerekejwe igihe yafatirwa mu murima w’ibiraya.
Amakuru ava mu babanyi biwe, amenyesha ko Manasse NTIRAMPEBA yakubiswe igihe yariko agerageza kwirwanira akoresheje umupanga,agakomeretsa kandi umuntu ku kuboko.
Abajejwe intwaro muri komine Mugamba baremeza ayo makuru, ariko bagasaba abanyagihugu kutagira umugenzo kwihanira, kuko bitarekuwen’amategeko.
MUGISHA Van Naris

Messages
9 Nyakanga 2017, 20:14, par nephtalie
bari kumufata bakamushikiriza ubutungane vyukuri iyi ngendo y’ukwihanira sinziza kuko ubutungane burahari.