IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mugere : Abanyagihugu batewe ubwoba n’igitarurwa catanguye kubomoka

Mugere : Abanyagihugu batewe ubwoba n’igitarurwa catanguye kubomoka

lundi 19 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko abanyagihugu begereye ico gitarurwa bavuga, ubuyungiro bufashe amabuye yaratabutse, amwe mu mabuye afashe ico gitarurwa akaba yakorokeye mu mazi. Iyo imiduga iciye kuri ico gitarurwa, inyubakwa zaco ziranyiganga.

Abo banyagihugu basaba ko hokorwa vuba, kuko abanyagihugu b’aho bahakorera imirimo itandukanye.

Abanyagihugu basaba kandi ko ico gitarurwa cosanurwa, kubera ko ari ibarabara ricamwo ingenzi, ndetse ricamwo ibintu vyinshi ngirakamaro ku banyagihugu ndetse no ku buzima bw’igihugu.

Ntiturashobora kuronka abajejwe ivy’amabarabara kugira bagire ico bashikirije kuri ico kibazo.


Callixte NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.