IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya : Abanyeshure bane bakomerekeye mu mvura yaguye

Muramvya : Abanyeshure bane bakomerekeye mu mvura yaguye

jeudi 9 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Imvura y’igihuhusi ivanze n’umuyaga yaguye mu ntara ya Muramvya muri komine Kiganda na Rutegema, kuri uwu wa gatatu, yahitanye ibitari bike, n’abanyeshure barahakomerekera.

Mu giporisi co mu ntara ya Muramvya bemeza ko abanyeshure bane bo kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kiganda bakomeretse, amabati y’amashure nayo araguruka, hamwe n’intsinga z’amatara zononekaye.

N’ibirasi bitatu vy’amashure y’intango vyagurutse, igisenge c’ibitaro Muskikamo vy’ i Rutegama caguruwe n’umuyaga, hamwe n’inkingi z’amatara zatembagaye.

N’abandi bantu bataramenyekana igitigiri barakomeretse kuri uwu wa gatatu nyene mu ntara ya Ruyigi, mu gihe abategetsi batandukanye bariko bahimbaza umusi mukuru wahariwe umukenyezi. Abo bakomeretse baguweko n’ihema yabomotse.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.