IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Uwujejwe amashamba muri komine apfungiwe mw’ibohero rya (...)

Muramvya : Uwujejwe amashamba muri komine apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya

vendredi 5 janvier 2018

Amakuru ava mu ntara ya Muramvya amenyesha ko uwo arongoye amashamba yahagaritswe yagirizwa gutema ibiti vy’imikaratusi biri ku buringanire bwababa ihegitari 7,adakurikije amategeko.

Ayo makuru nyene amenyesha ko imbere yuko ivyo biti biri ku mutumba Remera bicibwa, yari yabigurishije mu nzira zidaciye mu mategeko.

Agifatwa, yaciye ajanwa ubwo nyene mw’ibohero rikuru rya Muramvya, aho arindiriye ko sentare nkuru y’intara ya Muramvya ifata ingingo, mu masaha 48, ku gihano yohabwa.

Mu bushikiranganji bw’ibidukikije, amatongo, amazi no gutunganya ibisagara baremeza ayo makuru y’ihagarikwa ry’uwujejwe amatongo muri komine Muramvya, intara ya Muramvya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji amenyesha ko, uwo muyobozi azwi kw’izina rya Nestor yatanze uburenganzira bwo guca ibiti vyo ku mutumba Mpehe, atabimenyesheje abamukurira ku rwego rw’intara, hamwe n’igisata kijejwe gukingira ibidukikije OBPE ngo bemeze nimba hari hageze ko ivyo biti bicibwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji amenyesha ko asanze mw’ibohero uwari ajejwe iterambere muri Komine Muramvya, nawe apfunzwe kubera iyo dosiye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.