IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutimbuzi: Umunywanyi wa Agathon RWASA yahagaritswe

Mutimbuzi: Umunywanyi wa Agathon RWASA yahagaritswe

mercredi 7 Ruheshi 2017

Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko mu mugambwe FNL batazi aho BUHUNGU Alexis apfungiwe kandi batinyirira umutekano wiwe.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko BUHUNGU Alexis yari asanzwe ari mu bigisha umugambwe,akaba yari asanzwe aba ku mutumba wa Kirekura uri muri Komine ya Mutimbuzi yo mu ntara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu begereye umushingamateka RWASA Agathon amenyesha kandi ko umwe mu bajejwe umutekano wiwe, umupolisi azwi kw’izina rya NGENDAKUMANA Jean Claude,akaba apfunzwe kuva kuwa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2017.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko umupolisi NGENDAKUMANA Jean Claude yahagaritswe kuwa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.