Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro : Abana babiri bitavye Imana baguweko n’inzu
 Mwaro : Abana babiri bitavye Imana baguweko n’inzu
 Mwaro : Abana babiri bitavye Imana baguweko n’inzu
				
				samedi 7 avril 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro zo kur’uyu wa gatanu, aho inzu y’uwitwa BAKEVYA Gervais yahenuka kubera imvura nyinshi.
Ayo makuru nyene amenyesha ko, iyo nzu ihenutse, yaguye ku bana babiri b’uwo BAKEVYA Gervais baca batera bitaba Imana.
Mukuru muri abo bana yari afise imyaka 8 uwundi akaba yari afise imyaka 5 y’amavuka.
MUGISHA Van Naris
