IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Imanza 112 z’amatati y’amatongo zaciwe na CNTB

Ngozi : Imanza 112 z’amatati y’amatongo zaciwe na CNTB

mardi 14 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri urwo rugendo rwabaye kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 10 Munyonyo 2017 mu ntara ya Ngozi, mu murwi CNTB (Commission Nationale des Terres et Autres Biens) bamenyesha ko imanza zirenga 70 muri izo zaciwe ari iz’amatati y’amatongo yo mu makambi y’impunzi i Kiremba, i Kabari, mu Gakere, aho hose akaba ari muri komine Kiremba.

Dieudonné MBONIMPA, umuvugizi w’umurwi CNTB amenyesha ko imanza zirenga 80 muri izo zaciwe ku mwumvikano w’abari mu matati (Arrangements à l’amiable).

JPEG - 17.7 ko
Dieudonné MBONIMPA, umuvugizi w’umurwi CNTB

Mu murwi CNTB bamenyesha kandi ko imanza zigera kuri 14 arizo zaciwe mu ntara ya Makamba, zose zikaba zaciwe ata ntureka zihabaye, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’uwo murwi ashikiriza ko iyo ari intambwe ikomeye yerekana ko abanyagihugu bamaze gutahura ko uwarenganijwe ategerezwa gutunganirizwa mu vyiwe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.