IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nkurunziza "Ko rero twikukiye, nidukanure tubone, tubwirwe twumve, ntitube (...)

Nkurunziza "Ko rero twikukiye, nidukanure tubone, tubwirwe twumve, ntitube ba sindabibazwa"

mardi 30 Ruheshi 2015, par Jean De Dieu

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi, aho turamutse duhimbaza imyaka 53 tumaze igihugu cacu kironse intahe y’ukwikukira. Nihabwe icubahiro kandi yame iduha ishaka n’ingoga vyo kuyikomeza.

2. Hari kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka w’1962, aho ibendera rya bakavamahanga ryamanuka, iry’Uburundi rikaduga, ururirimbo ruhayagiza Uburundi bwacu rugasamirana, Abarundi bo mu mihingo yose y’igihugu baratamba baratarika, akanyamuneza gasaga Abarundi mu gihugu cose.

3. Ni umusi rero uhambaye mu buzima bw’igihugu cacu, utwibutsa aho Abarundi bahimbaza icese ubwa mbere intahe y’ukwikukira bari bamaze imyaka barondera, barongowe n’Umuganwa atari umugani, Ludoviko Rwagasore, yahavuye aba incungu y’ukwikukira kw’igihugu cacu.

4. Ni umusi uhambaye kandi kuko Abarundi twari twisubije intahe n’ijambo mu makungu, dushobora kwitunganiriza ivy’igihugu cacu kandi ari twebwe tukiramutswa. Twari twikuyeko akagaye, agacinyizo, kunyonyezwa no gutotezwa n’intwaro z’igikoroni z’abadagi n’ababirigi vyamaze imyaka 66.

5. Turipfurije rero umusi mukuru mwiza Abarundi bose baba mu gihugu canke mu mahanga, tutibagiye abagenzi b’Uburundi aho baherereye hose. Ariko tuyihimbaze tuzirikana ingene twayironse bitoroshe, duce twigira inama yo kuyiteramira no kuyitsimbatarisha ibikorwa.

6. Mu guhimbaza uyu musi mukuru, icivugo kikaba ari:"Dushire imbere ibikorwa, tubungabunge intahe y’ukwikukira".

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

7. Kuri uyu musi turamutse duhimbaza intahe y’ukwikukira, twagira tubanze tubacire ku mayange ingene twayironse bitoroshe.

- Mu mwaka w’1896, Abadagi barashitse mu Burundi, bashinga ibirindiro vya gisirikare i Bujumbura.
Abarundi baragerageje kunana ariko barateba bararushwa. Mu mwaka w’1903, haca haterwa igikumu ku masezerano y’ i Kiganda, umwami Mwezi Gisabo aremerana ko Uburundi buronse uburongozi bushasha bw’Abadagi, aracibwa n’amande (ihadabu) atari make, intwaro ya gikoroni iba iratanguye.

- Mu mwaka w’1916, Abadagi baragiye haca haza ababirigi. Ku bijanye n’intwaro, ntacari gihindutse, kuko Uburundi bwari bugumye burongowe na ba kavamahanga.

8. Muri iyo ntwaro ya ba kavamahanga, agakengegwe, ukutagira ijambo mu gihugu cawe, ihonyangwa ry’agateka vyaba izuba riva, atacamira; gucurwa bufuni na buhoro, abavyeyi bagakubitwa ibimoko baryamye hasi imbere y’abana babo, barira atawe bayaha, isahurwa ry’ubutunzi bw’igihugu babona, n’ibindi bikorwa bibabaje, vyatumye Abarundi isinzi batangura urugamba rwo guharanira intahe y’ukwikukira. Ntitwokwibagira imbuto y’umugera mubi w’amacakubiri y’ubwoko no gucanishamwo abarundi, vyabibwe n’abakoloni b’ababiligi mu Burundi mu nyuma yazanye ubwicanyi n’indyane z’amoko mu Burundi.

9. Ntivyari vyoroshe, ariko "ibanga ribangirwa ingata". Abarundi benshi, barongowe n’umuganwa Ludoviko Rwagasore bararwanye urwo rugamba, baratsinda amatora yo ku wa 18 Nyakanga 1961, bitorera ukwikukira kudatevye kw’Uburundi.

10. Ivyo vyose Rwagasore akaba yabishitseko kuko yabona kure, umugambi wiwe ukaba wari uko Abarundi bokwiganzura ba kavamahanga, bakaja hamwe, bagashira inguvu hamwe, bakaja inama n’ingingo kugira bashobore gushika ku vyo bipfuza bari mu mahoro n’umutekano, no mu ntwaro ya demokarasi y’abanyagihugu.

11. Ata n’ukwezi guheze, ku wa 13 Gitugutu 1961, Rwagasore yaciye agandagurwa. Abana biwe babiri b’imicuko, hamwe n’umutambukanyi wiwe nabo nyene barishwe, mugabo gushika n’ubu, urwo rupfu rwabo ruracarimwo igipfungu. Ariko Uburundi bwarashikirijwe intahe y’ukwikukira ku wa 1 Mukakaro 1962. Ukuri kubijanye n’igandagurwa ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore n’umuryango wiwe tuvyiteze muri wa murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira (CVR) : Haciwe umutwe ukwikukira kw’Uburundi.

12. Intahe y’ukwikukira ntiyari iyo kwirukana ba kavamahanga, yari iyo gusubiza Abarundi iteka, bakishira bakizana mu gihugu c’abo, bakagira ijambo, bagasubizwa uburenganzira bwo kwitunganiriza ivy’igihugu, bagashobora kwitorera indongozi biciye mu matora, bari mu mutekano, ata gahato. N’intwaro ya demokarasi itsimbatazwa n’amatora. Ngaha rero twomenya ko hari abarundi bamwe bamwe baterekwa, batanumva intahe y’ukwikukira, bipfuza ko abakoroni bobandanya bapfukamye mu nda abarundi.

13. Ivyashikiye Abarundi tumaze kuronka intahe y’ukwikukira birababaje cane. Amacakubiri y’amoko n’ay’intara, indyane mu banyepolitike n’ubwicanyi butagira izina vyaciye biza biraba vyisubiriza mu myaka y’1965, 1969, 1972, 1988, 1991, abantu basigara bibaza, bamwe bati : « Ubwo hari bwagere ko Uburundi bwikukira ? », abandi ngo : « Mbega uburongozi buje guhindura intwaro ya bakavamahanga canke kuyisubirira ? ». Haca haduka ugukurana ku butegetsi hakoreshejwe igikenye, intwaro za ryogora duhure, ahanini zubakiye kw’ikumira, ivangura, ikinyoma, akarenganyo n’ibindi.

14. Muri izo ngorane zose, Imana yagumye hafi y’Abarundi. Mu 1992, Abarundi twarashoboye kwerekana ko twikukiye, twitorera Ibwirizwa Shingiro duhejeje no kwiyemereza amasezerano y’ubumwe mu 1991.
Mu 1993, turishingira inzego n’abazirongora biciye mu matora. Ico cari kibaye ikimenyetso gikomeye ko ya ntahe y’ukwikukira itagiye akagirire, inyuma y’imyaka 30 tujuragirika mu maganya n’amarira.

15. Budakeye na kabiri, ku wa 21 Gitugutu 1993, Umukuru w’igihugu, Nyenicubahiro Melikiyori Ndadaye yari yitorewe n’abenegihugu aragandagurwa bunyamaswa, indyane z’amoko ziba ndanse, intambara irasutama, inganda zirasasikwa, amaganya n’amarira vyuzura igihugu cose, tuba dusubijwe mw’ihumbi n’abamenyereye intwaro z’ivyaduka n’igikenye.

16. Abari bahejeje gusenyura inzego zari zatowe n’abenegihugu, bafadikanije n’abari batsinzwe amatora, baciye bemeza kuja mu biganiro n’abari bahejeje gutsinda amatora, bashika ku masezerano avuguruza ivyavuye mu matora kandi asubirira Ibwirizwa Shingiro ryari ryishiriweho n’abenegihugu, ivyo vyiswe Kigobe na Kajaga maze bizana indwano n’akajagari birenza imyaka 10.

17. Twarikubise agashi, amakungu aradufasha, haca haba amasezerano y’amahoro y’i Arusha mu mwaka w’2000 n’ayo guhagarika intambara burundu mu mwaka w’2003, yose akaba yashize imbere intwaro ya demokarasi, ishingiye ku kubahiriza iry’abenegihugu baba bapfunditse no gushinga inzego nshingantwaro, n’ukuvuga Leta, Inama Nshingamateka, Inama Nkenguzamateka, Ubutungane, Igisirikare, Igipolisi, n’Igendereza, ni ukuvuga inzego zihurikiyemwo abarundi bose mu butandukane bwabo.

18. Agahengwe kagiye kuboneka neza na neza inyuma y’amatora yabaye mu mwaka w’2005.

Intambwe dushitseko uno musi mu bumwe, amahoro n’umutekano, eka no mu bindi bisata vy’igihugu ikaba ishimishije kandi itari agaseseshwarumuri, naho ata vyera ngo de! Ni nabwo bwa mbere mu Burundi habonetse inzego zitorewe n’abanyagihugu zirangiza ikiringo zatorewe zigasubirizwa n’izindi zitowe nabo nyene inyuma y’imyaka irenga 40 turonse intahe yo kwikukira.

19. Mu mwaka w’2007, twaciye dutangura kuja gufasha kugarukana umutekano aho uba wahungabanye mu bindi bihugu, bukaba bwabaye ubwa mbere kuva Uburundi bubayeho. Tukaba turi muri Somaliya, Sudani, Hayiti, Côte d’Ivoire, Repubulika Centrafricaine, n’ahandi.
Aha mbere twobamenyesha ko Uburundi ari co gihugu kiza kw’isonga ry’ibihugu vya Afrika bitanga abajejwe umutekano benshi baja gufasha kugarukana umutekano mu bindi bihugu.

20. Turahojeje abarundi, na cane cane imiryango y’abasirikare bamaze gusiga ubuzima mu bitero bigirwa n’intagondwa mu bihugu twagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano, na cane cane muri Somaliya. Twashaka dusubire kumenyesha ko ubwo bugizi bwa nabi butaduca intege, ko Uburundi butazohesha kwifadikanya n’amakungu mu kurwanya ibikorwa bigayitse vy’iterabwoba, haba muri Somaliya canke ahandi. Vyongeye, ni ngombwa yuko inzego ziserukira abanegihugu zizova muri ano matora, n’abo vyega bose, boja hamwe bakarimbura, baravye ingaruka, nimba ico gikorwa c’iteka cobandanya.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi

21. Iyo turiko turahimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’igihugu cacu, kaba ari akaryo ko gusubira kwibuka, gushimira no gushimagiza abazwi n’abatazwi, bafashije Umuganwa Ludoviko Rwagasore muri urwo rugamba.

22. Kaba ari akaryo kandi ko gushimira n’abo bose bazize ivyiyumviro vya demokarasi, no gutera intege abo bose badahengeshanya gushigikira intahe y’ukwikukira na demokarasi.

23. Turahaye icubahiro rero abo bakenyezi n’abagabo ku vyiza bagiriye Uburundi, bakadusigira iragi ryiza ari naryo tugenderako mu gukingira no mu gukomeza intahe y’ukwikukira kw’igihugu cacu.

24. Turashimiye Abarundi bose bashira imbere urukundo rw’igihugu, ubumwe, ibikorwa n’iterambere, kuko ari iragi rya Rwagasore kandi bishigikira intahe y’ukwikukira.

25. Turashimiye inzego z’umutekano zama ziri maso, kugira Abarundi babandanye baba mu mahoro kandi bumva ko bikukiye koko, bazi ko barara bakaramuka, barima bakimbura ata nkomanzi.

26. Ko rero twikukiye, nidukanure tubone, tubwirwe twumve, ntitube ba sindabibazwa, turwanirize hamwe aboshaka kuvuguruza abenegihugu, twubake Uburundi bwacu bugendere ku mategeko, ni ko gutera iteka abiguze intahe yo kwikukira.

27. Ariko ntitwibagire ko Imana iza imbere ya vyose, na Rwagasore yayishira imbere ya vyose kandi tukayisanga mu civugo c’Uburundi muri kirya gihe c’ukwikukira: « Imana, Umwami, Uburundi ». No mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu, Imana iragarukamwo: « ...Imana yakuduhaye ikudutungire… », bivuga ko Imana yaduhaye igihugu c’Uburundi itatugishije inama, nta n’umunyamahanga yagishijwe inama mu gihe Imana yarema Uburundi ikatwita Abarundi. Imana yaradukunze iduha Igihugu ciza : ibiyaga, imisozi, imvura, amazi, ubutare, izuba, akayaga, ibidukikije, n’isi ndimwa yimbuka. Nta murundi n’umwe canke umunyamahanga yoshobora kubiriha canke ngo abituremere.

28. Turasubiye gutera akamo Abarundi bose ngo bame bahayagiza igihugu cabo, bijukire ibikorwa, bakorere hamwe bari mu mashirahamwe, bahayagize ibikorwa bikozwe neza be n’ababikoze, bongere bamenyere kwama bitaho ivyo bajejwe no guhiganwa mu bikorwa vy’iterambere. "Dushire imbere ibikorwa, dukomeze intahe y’ukwikukira".

Barundi, Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,

29. Igihe twahimbaza imyaka 50 igihugu cacu kimaze cikukiye, twaraciye ku mayange ivyo twaranguye, dukuramwo icigwa ko dushize hamwe kandi dufatanye mu nda, tugashira imbere ibikorwa, dushoboye vyinshi. Iryo kandi rikaba ryari iragi rya Rwagasore.

30. Dutegerezwa rero gukora nk’abikorera tukagwiza umwimbu, tukaduza ubutunzi bw’igihugu, tukabandanya ya migambi yo kwubaka amashure, amavuriro, ibiro, ibigwati vy’iterambere, ibibuga vy’inkino, na cane cane ya migambi yo gusomesha abana ku buntu, kuvura ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu, kwibaruka ku buntu ku bavyeyi bibarukiye mu mavuriro canke mu bitaro vya Leta, gukingira ibidukikije, n’ibindi.

31. Leta kandi izoshobora gushira mu ngiro wa mugambi wo gushigikirana uzofasha abanyagihugu bose kworoherwa mu kwivuza bari mu mashirahamwe, no gutanguza, ifadikanije n’abasanzwe bayifasha, umugambi wo guha umuryango wose amafaranga 20.000 ku kwezi mu gihe c’imyaka ibiri n’igice mu ntara zitatu kuva mu mwaka w’2016, kugira boroherwe mu kurangura ibikorwa bishobora kubabeshaho, bisigure gukomeza urukundo no gushigikirana hagati y’abavukagihugu.

32. Turashimiye abadahengeshanya kwitaba akamo kacu kugira turangure imigambi y’iterambere, dushire mu ngiro imigambi iba yateguwe na cane cane wa mugambi wo kurwanya ubukene n’uw’ingene twipfuza ko igihugu cacu coba kimeze mu 2025. Gurtyo, bakaba badufashije gutera imbere no gutsimbataza intahe y’ukwikukira, ni ukuvuga kwitwararika akahise, akubu n’akazoza k’Umurundi wese, no gukunda igihugu cacu.

33. Iterambere ry’igihugu riva ku banyagihugu rikabagarukako, ni co gituma twashinze umusi mukuru wa komine wama uhimbazwa ku musi wa gatandatu wa mbere w’ukwezi kw’umunani mu gihugu cose, kugira imvukira za komine zironke akanya ko guhura no kuyaga ivy’iterambere ry’ikomine yabo no kwinjira inyubakwa rusangi zubatswe muri uwo mwaka. "Dushire imbere ibikorwa, dukomeze intahe y’ukwikukira". Iyo ni inzira nziza yo gukundisha abenegihugu igihugu cabo naho bavuka.

34. Twaratanguye kandi guhimbariza umusi mukuru w’ukwikukira mu makomine, kugira abenegihugu bumve ko bikukiye, bamenye akamaro ko kwikukira n’ibikomeza intahe y’ukwikukira, bongere biyibutse ibimenyetso biranga intahe y’ukwikukira, bamenye kandi n’insiguro n’inyifato bogira bari imbere yavyo. Ivyo navyo bikaba ari: Ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, ibendera y’igihugu, amabara n’inyenyeri biri kuri ryo, n’ibindi. Tugasaba ko izo nsiguro zitokwibagirwa muri za nyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu ziriko ziratangwa.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’uburundi,

35. Mwaraye mwitavye amatora y’abashingamateka n’abahanuzi ba komine, nkuko mubisabwa n’ibwirizwa shingiro n’itegeko rigenga amatora, kandi yagenze neza cane. Amatora ni meza kuko ari yo yadushikanye ku ntahe y’ukwikukira, iyi nayo ikadushikana kuri demokarasi, ari yo ntwaro ikomoka ku banyagihugu, aho duca dushobora kwitorera indongozi twizigiye n’imigambi twishimiye biciye mu mahiganwa; ni inkingi y’amahoro, umutekano n’iterambere birama n’umubano mwiza mu gihugu. Ni ingendo kandi twebwe abarundi twamenyereye, kuva mu mwaka w’2005, mu w’ 2010, no muri iki gihe twinjiye mu matora y’2015.

36. Tuboneyeho akaryo rero ko gushimira abarundi bose ko twaraye dukukije isemo ya mbere mu kwitorera abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine.

37. Ico abanyamahanga bomenya, kandi kitadutangaza, ni uko hari abarundi bamwe bamwe bamye baterekwa amatora. Si ubwa mbere tubibonye, vyaragaragaye mu myaka ya 61, 93, 2005, 2010 gushika nubu. Ariko twashaka kumenyesha ko amatora atari agahato, ko amatora ajamwo abashaka. Ntivyategerezwa kuba ingorane ngo bisamaze abarundi n’isi yose, kuko naho vyabaye uko muri iyo myaka, ntivyabujije ko amatora agenda neza. Kira noneho, ivyo ntituzi ko vyoba biba mu Burundi gusa.

38. Turashimiye cane cane inzego z’umutekano,— abapolisi n’abasirikare — ukuntu bavyifashemwo neza mu gucungera umutekano, no mu kuburizamwo ibikorwa bigayitse vyari bigamije gutoba igikorwa c’amatora, aho abagizi ba nabi batari bake bafashwe: abatera ama grenades, abaturira, abica, n’ibindi.

39. Turashimiye kandi wa murwi w’igihugu wigenga CENI, n’imirwi iwukomokako CEPI na CECI, abarorerezi baba abarundi n’abanyamahanga, abamenyeshamakuru, ku gikorwa gihambaye bariko barakora kugira amatora yose aze agende neza. Ni iteka rihambaye ku barundi, kuko ivyo vyerekana ko twaronse intahe yo kwikukira tuyikwiye.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’uburundi,

40. Turasavye wa mugwi ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu batabifitiye uruhusha kubandanya ico gikorwa, babandanye bagikorana ubukerebutsi n’ubwira bwinshi, kugira umutekano wiyongere mu gihugu cose.
Turabakeje ku ntambwe nziza bamaze gushikako kuva mu 2009, mbere tukaba turi mu ba mbere muri Africa muri ico gikorwa.

41. Imbere yo kurangiza, twashaka dukengurukire abashitsi baje kudufasha guhimbaza uyu musi mukuru, na cane cane abaserukira ibihugu vyabo aha iwacu, hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu. Turabasavye kudushigikira mu bikorwa vy’iterambere, gutsimbataza intahe yacu y’ukwikukira, tukabasaba kandi kutwubaha no kutwubahiriza nkuko bigirwa mu bindi bihugu. Na twebwe turasonera ukwikukira kwabo.

42. Turasubiriye rero kwipfuriza umusi mukuru mwiza mwese, muwuhimbaze mwumva ko ari mwebwe mutegerezwa gutunganya ivy’igihugu cacu, mwibuka n’icivugo c’uyu musi kivuga kiti:"

Dushire imbere ibikorwa, tubungabunge intahe y’ukwikukira".

NIHARAMBE UKWIKUKIRA KW’UBURUNDI N’ABARUNDI,

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI,
UMUSI MUKURU MWIZA N’AMATORA MEZA MWESE.

MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • naho twikukiye ntaho twavuye ntanaho twagiye.kuko ba nijimbere ntaho bagiye!abakoroni nabami ntaho vyari bitaniye:uko basanze abami batwara nabo bakomerejeko.nanubu niko bikimeze.

  • Imana ihezagire ingoma y’Uburundi isangangure abagomba gucanishamwo abarundi.Imana ihane yihanize abazana ubujora mugihugu C’Uburundi.

  • Nonoho ubuho vyabaye akananira bahinga ahubwo twotuma dutwarwa n’abanyamahanga hako dutwarwa n’umurundi bamwe bamwe bagapfa baturatura abandi bagahunga ndetse ubwicanyi nabwo bukaba kumugaragaro izuba ryaka riva.ahubwo wewe asumvya abadagi n’ababirigi mugutwaza akagaye n’agahotoro.

  • Nonoho ubuho vyabaye akananira bahinga ahubwo twotuma dutwarwa n’abanyamahanga hako dutwarwa n’umurundi bamwe bamwe bagapfa baturatura abandi bagahunga ndetse ubwicanyi nabwo bukaba kumugaragaro izuba ryaka riva.ahubwo wewe asumvya abadagi n’ababirigi mugutwaza akagaye n’agahotoro.

  • NONE ABARUNDI TWAHUNZE TUZOHUNGUKA RYAR?

  • Nta nisoni ugira; uko birukanye ba kvamahanga mukanya gato nawe itegure kuhav nabi mu kanya gato kuko aho ko tworongorwa nawe twotwarw na kavamahanga

  • Oke nisawa ivyovyose nivyo,ntubeshe namba .Ariko twebwarundi dukeneye umuntu ashiripber’inyungu zabarundi apaniziwe,nka kagame nicogisagara akagisukura sakigali murakoze

  • IRAMBIRE MUTAMA.KUKO RWAGASORE ,NDADAYE bishwe ninyankaburundi zibeshera koziharanira amahoro kandi ari bansumirinda nubu ntidutangara Tubonye abakimezegutyo nka PACIFIQUE,SINDUHIJE,,, NTIBAGIYE UWOWESE ASHAKA GUKAMISHA INGANDA NIHARAMBI ABARUNDI BAKUNDA UBURUNDI.

  • ego nivyo!icompa imvugo yabarundi igasa ningiro yabo.ubona yorya umutima amenyo akarandurana nimizi ibiri kuri point 8,ntacobuza uburundi btagarukana akanovera kuri bose!

  • Sha nibara kwigira impumwi kandubona ukigira igipfamatwi kandi wumva.urakenyeye ubeshe bene Burundi ryaka riva ngo;mwaraye mwubahirije amasezerano ya Arusha?ngo nikwibwirizwa shingiro rivuga?urahenda abandi jewe sindimwo uhende abobatabona nyene ivyowakoze!!nivyubandanya gukora Iyo Mana uvuga akaba ariyo nizeye izobikubaza guko ahakwisi turarengana nizere kwatawuyibako nimyaka200 gerageza wibuke kurumuntu nkabandi.guko ukora iciza ukagisanga imbere wakora inabi ikagu........kandiniwe wavuze ngo umuryambwa abumwe AKITUKISHA wikebuke.

  • uburundi ni agahugu kadashoboye no gukora ikaramu canke killdent
    none kazoshika hehe ata aide reka tubirindire

  • Ew wakigug aho uravuj cank uradaswe!! Ut kuvyamok nind yatanguy kujana amok muburund siwew nkurumb faraon imana irakubon harigih wibz yuk wew ariw wob warij politique wenyen wanguh twaraguhinyuy? Ngo muzoh umuhan wes kira myaka2 ibihung20 maramara?? Kand ntac ub ucafuz izina rya Rwagasor ubon yari ikigug nkawe!! Ntac uba ushira imana mukwanw wew uraz imana wa shetani!! Muga ivyaw imana ihay irabibon ntiwibz kwitakubon mwe na adolphe wawe!! Ndagusab ikint kimw nkurumb uj wicar wumvirij indirimb nshash y mkomboz yi twa muchez wandani niho womeny ah uhagaz!! Mb ah mama yakuvyay yaraguhanur ukumva?? Gira utemb haragej!! Nij mbonerakur yawe turagutay kuk ivy watwigishij vyose turabon kwatah bihav bidushits wa kinwamaras we!! Ew gahini ntiwarush ubukomer sadamu osama kadafi nn ub ubon barih kowanse kumva!!! Ntac gupf nzopfa kuk sindi umuzamu wisi!!

  • bamwe bati tuve mubuja abandi bati nopfuma mba umuja. ibiterasoni birama, ariko ngo sindumuja kandi biboneka ko ari umujaburamboga. hari abantu bazonegurwa cane kuko bakunda inda bakarenza. ariko mutwara canke mugira gute, ababirigi baturihe ivyo batunyaze, abavyeyi n’abavukanyi bacu bagandaguwe kububegito n’imbuto mbi y’amacalubiri batubivyemwo. kubera atawigeze abishuza bagumye babibonamwo ubuhizi, baguma bizanisha udusigazwa tw’amahera kuvyo batunyaze, bakayita imfashanyo naho batubegeye kubwacu bakagirako bakayagira ingero yaba pacifique yo gusubira kubagara yambuto mbi ngo dusubire tubasenge. wapi. ubu rero bicaye muburayi babukorinize ngo batwime imfashanyo, iyo mba arije nategeka ntamfashanyo y’ababirigi yosubiye kwinjira muburundi nta n’imigendersnire yabo.

  • nbe havyarimana ko yapfuye yazukiye mu burundi ???? sha ukobizogendakwose turamusubiza mu kaburi tu

  • Kiramvu kubutaribwaw wobubaza abobwakuy mumenyo yingw.Pour Peter Nkurunziza kuvyotubona abarundi ni Mana kuko uri serugo urugo rwaw ukarubikamwo abicanyi bica bataha iwaw ntihabura icomupfa naw bakakwica.Hunga mburazi ukuntu Abasirikar bakwidogera kukuntu agafashanyo batanga iyobari hanz yigihugu kugira Igihugu giter imber, komw nabomukorana ugusambura igihungu cacu,muca mukoresha mukugisambura.Bobo untubazi nibarwica ruhoz.Utihanuy murahura uratinya ijambo rivuga benshi.Vakwiki Gihugu watabaguy!!! Uryebik uryamekar abo mbona baraguhenda.By bay,intabwirwa ibwirwa nukamaso.......$

  • Iyo Mana mwamiza wamiza mukanwa Rusiferi we! !! Irahoze ariko irakubona rindira! !!! Uyita Itahari be nabo muriko musesana amaraso yabantu I mana Yaremye mwishusho yabo! Muragowe!

  • MUTAMA IVYUBUKORONI NTACO UTAVUZE KANDI NO MUBITABO NIHO VYANDITSE TURABIZI.ARIKO MUBONA NAMWE UKO MUTWARA NAMWE MUGOMBA KO BAMWE BATORONKA IJAMBO MUGIHUGU CABO WUMVA HARI INYISHU YABARUNDI IRIHO.KWANGAZA ABANTU KUGIRA UGIRE IKIKUJEMWO COSE SINTWARO RUSANGI.SOMA AMASEZERANO YIHARUSHA UZUKWIRIKIZE UKO MWAVYUMVIKANYE IGIHE MUYASINYA.KUVA 2005 NA 2010 BARAKINJUYE NTIBASE IKIRINYO!MURABE RERO NTIMUDUSUBIZE MUNTAMBARA KUKO NITWE UHENDA TUKAHASIGA UBUZIMA NAWE WITEKEREREJE.KO NARI MWISHAMBA MURI CNDD_FDD NIJAMBO SIMVUGA KANDI TWARAGORANYWE .MUGA DUHE AMAHORO.LA PAROLE SANS NVOLE MAIS LES CRITS LESTES.MUKORESHE IVYO MWANDITSE MUCEMERANYA IHARUSHA ,IVYO MWAVUZE KUMUNWA MUBIREKE.NTUDUSUBIZE MUNTAMBARA.

  • haa reka turindire turabe ivyuburund k1 gusa ntakint nakimwe codutabara atari imana yonyene

  • A mon avis,aho ntakint yavuz kuber intumva ya1izotum igihug gisubir mundyan niw.izo 20000f naz iyo niporitik yoguhen umunyagihug atiz kko impôt par tête izobavamw.twaramuhinyuy nahend abandi

  • Aha kutwarwa nawe hopfuma hagaruka ababiligi,mbe ihonyabwoko uvuga siwe warikoze,yama mine wahora utega mu gisigara wari waciriwe ugugupfa wayibagiye?UBURUNDI ntanihinguriro ryigikombe rifise reka turabe ingene izombwa zabanyarumogi zigushigikiye ingene zigiye kubaho.

  • Igihe hatwara bakavamahanga vyarababaza muga twarabitahura kuko bari bakavamahanga kandi ntabihumbi vyabarundi vyaturatura barondera ubuhungiro . Mugabo ububiteye ubwoba nagahinda kuraswa numwenegihugu nkawe gutotezwa numwenegihugu nkawe abarundi bagacanishwamwo nabobanyanishij abarundi bagakorerwa amabi nabobitorey tutibagiy guturatuza abitorew nabanyagihugu (Piyo)

  • komera mutama guma kwivora

  • NAKOMERE MUTAMA ABAKEBA NABO NTABWENGE RWASA NIBAGUHENDE USHAKAGUSHIKIRA KURIVYISHI? GUGUTA BURA UKITABA AMATORA NIWISHINGE ABOBATUTSI.

  • MBE UTOMUSHIGIKIRA YOBANDE? NTAHO YOBA ATANIYE NA BABA KORONI BADUFUKAMA MUNDA

  • Ariko abarundi barihanze nabasigay mugihugu ntibinda niho uyu peter antangariza.

  • AHURAHEZE TWOTUMA DUTWAGWA NABANYAMAHANGA BOBO BADUKOREYIBI TWOBITAHURA HAKWICWA NAWE TUZI TWARITWITE KOTUGIYE KWOGORORA NENE RABAYUDUKOREYE MUKWICA NTURABWOKO NTURABINTARA UMUHUTU UKERERA UMUTUTSI NUKWO UMUTWA NUKWO ABANA INZOYA ABAZUNGU ABAMA NABATAMAKAZI NONE TWIKUKIYE GUTE? PITA KWUMVIJAMBO RIVA MUKANZIWAWE MCANUKIGWA NKUWUCIYAHANTU HANUKA WAPI WEWE PORITIKE YAWE TWAYIRAMBIWE ICOKUDUKURAKO TWOGISHIMIRA

  • UMUSI MUKURU MWIZA KUBARUNDI BOSE.

  • Raba ingingo ya 18 maze uheze ubwire ko itari mandat ya 3 . Ewe buys sha henda ibijuju

  • AHO SHA KARIKURUBU NA KEVIN. MBEGA UWUTUMVA,AKICA,AGATURATUZA,AGAT6TEZA,AKICA ABO BADASANIYE UBWOKO N’IMIGAMBWE SI WE NYENE(NKURUMBI)? NTABWIRWA,NTAHANURWA KANDI NTABONA! UWO NI PETER NKURUMBI!

  • Wewe Nyene Udahaga Uzokivako Cera.Hari Abatabanga Baguma Babeshera Ababirigi.Peter Nabatabanga Biwe Bagomba Kudusubiza Inyuma.Mumenye Ko Uzokwishura.

  • eseeeee!!!!!! abarundi baratora ,baratoriki ko nkurunziza yabafashe nkabanabe?muburundi ntaburenganzira bwamuntu buriho.

  • Imana Idufashetwame Dukomeza Iyontahe Yokwikuki Naho Atavye Ngode Akarusho Ntikabuze turavye iyo tuva nahotuge birekana kodukoze hari ibishoboka

  • Muncamake uyumugabo twamutije igihugu gwabe araduhagararira none yaciye abona kwariwe aciy,ubwenge kurusha abarundi bose...kandi ahatagirira isoni aguma avuga Imana yoyo ntifyina izomumaramaza imbere yamaso yabantu narindire tu

  • Muncamake uyumugabo twamutije igihugu gwabe araduhagararira none yaciye abona kwariwe aciy,ubwenge kurusha abarundi bose...kandi ahatagirira isoni aguma avuga Imana yoyo ntifyina izomumaramaza imbere yamaso yabantu narindire tu

  • NDATANGAJWE GOSE NUYUNYAKWITWA PETER! Burya ngo AMENYO ARAGUTWENGA ARI RWAWE MBE BURYA AHO UHENDA ABANYAGIHUGU WE URAZI ICO BISIGURA KWIKUKIRA? NAWE KO WIKUKIYE NTUZE USUBIRE KWAMA UTEZE AMABOKO USEGEREREZA INFASHANYO IZONKOHO ICO GISODA NIGI POLISI NAYO MAHERA UKORESHA WEWE URAZI IYO BIKORERWA JA WITONDA! UBWO BURUNDI KO NZIGA DUTUNZWE NINFASHANYO UHENDANF NONEHO NDAREMYE NAMAKUNGU YARAKURAHIYE YUKO WIHENZE UKARAHIRA ATAZOKWEMERA AZOCA AKWEREKANEZA YUKO UTAZOGENDA UNIKUKIYE NAMBA BURYA NGO UWUTIGABA NTIYIGABURIRA WE BUCUJA MUBUTUNGANE NAYO AHO UHENDA ABARUNDI IRYO NI IGERI RYANYUMA UHAYE UTERA!

  • IGIHE COSE MUZABA MUGITUKA (INSULTER) UMUKURU W’IGIHUGU CANYU NTAMAHORO MUZORONKA>IMANA YEMEYE KO AYOBORA IZI IMPAMVU.BARUNDI MUREKE KURANGWA N’IKINYABUPFURA GIKE.ABAGENZI BARABASEKA CYANEEE.

    KIRAZIRA GUTUKA UMUYOBOZI IBIHUGU BIBANYI BIBABERE AKARORERO.
    NAHO UBUNDI UBUKENE, UMUTEKANO MUKE BIZOMA MU BURUNDI.

    NI MWIHANE.

  • wa kirofa uriko urahenda band? Ba witondasha ubu abarund bariko barahunga non ngo twarikukiy wa muhimbiri

  • EWE MUNTU WIYISE NIYONKURU URI IKIJUJU BASI NKUYO PETER WAWE MBE AHO URI IKIVAGUNDU CIKIBURABWENGE AHUBESHERA IMANA NIYAHEMANA YAMUTUMYEKUJA KUGANDAGURA ABARUNDI BARIKO BIKORERA IMYIYEREKANO YOMUMAHORO MUGA NDAGUTAHURA KUKO IYUMVIRA NKUKO UBWENGE BWAWE BUNGANA KUKO URI IMBONERAKURE ATAKANDI KAZI WOSHOBORA MUBUZIMA ATARI UKWICANA GUSA ASHA WE NUYO PETER WAWE UHAYE UHAYAGIZA MUHAYE MWEREKEZA KUMANGA BASI!

  • Ewe uwo kumva ivyo uvuga nivya sport gusa none namashur nibitaro gusa nta industrie nimw cank usin barundi turek guhedwa koyafashijw namakungu non ubu kayagararij non bizogenda gut barundi barundi kazi turwany intabwirwa naw arimwo murakoz

  • Imana Irakubaza Peter wiruhiriziki kuvuga Imana kandi uri Inyangaguhanwa?zaburi 51:16

  • IJAMBO RYIMANA RIVUGANGO MWUBAHABAGANZA.

  • uwutiyubashe ntawumwubaha wewe ntukidutwara ntitunagushaka ntanico wamariye abarundi n’uburundi atari kugisubiza inyuma nogukorera amabi abantu nabo mwagoranye ubu twarahunze mugihugu cacu kubera wewe emwe ahubwo tuzosubira kwigina intsinzi yokwikukira utuvuye kwizosi nabo mufashanya kwica hama duheze dutahe iwacu ese kuribwa nabenewanyu birababaje kweri sinzi nabakijujuta ngo ubwoko nimukanure uwo mugabo ntawe agera umutwe

  • uwutiyubashe ntawumwubaha wewe ntukidutwara ntitunagushaka ntanico wamariye abarundi n’uburundi atari kugisubiza inyuma nogukorera amabi abantu nabo mwagoranye ubu twarahunze mugihugu cacu kubera wewe emwe ahubwo tuzosubira kwigina intsinzi yokwikukira utuvuye kwizosi nabo mufashanya kwica hama duheze dutahe iwacu ese kuribwa nabenewanyu birababaje kweri sinzi nabakijujuta ngo ubwoko nimukanure uwo mugabo ntawe agera umutwe

  • sha namwumvirije nsanga nkaho yarariko uhema akwuka kanyuma,jewe ntabwonibaza ko ari Peter Nkurumbi wenye yarenze amategeko ya Arusha numugambwe we ubifisemwo uruhara,ibizobazwa Peter Nkurumbi bizobazwe nuwo mugambwe ushikiye ubwicanyi mu gihugu niyatemba azotembane n’uwo mugambwe kuko nawonye ubifisemwo uruhara

  • EKA NIDUKANUR TUBONE AHANDI HO BAZOTUZURA AMASO.

  • Muncamake uburundi bugizwe nabatumva kumwe ivyabaye raba kuva mumwaka wa 72 ivyabaye jewe abavyeyi barabishe ntibagarukirije kurijewe nabugingo nubu biracari kwakundi abavyeyi baracahekurwa bamwe bagomba ngotwige ingorane zabo twirengagize izabandi ahubwo tureke abanye poritike badutegurire umusi woguhura turabekwaribo barushe canke kwaritwebwe abenegihugu

  • Akarimi kavuga inagore karagororoka kuberiki uvuga amabi yahise kera utavuga abo uriko wica,ugafunga, ugatoteza, ugasahura none haraho bitandukaniye nivyo ukora? Jewe mbona vyose bisa iyaba warubizi ntabwo uba wica abawe aho rero wibaza ngo uravuze? Uwokubaza abantu bari muri DRC,RWAN,TANZ bagiye kubera inde? Wewe nujajure hama ugende urorere urupfu nawe iyo ntwaro yawe ndayise 2e colonisation au burundi.

  • Peter wewe ntajambo ufise kuko intwaro yawe niyamarira gusa abanyagihugu baguma bapfa bishwe namwe aho ntacufise twebwe turasavye amakungu am

  • uko bigenda kose abarundi dukanura twareka, Turasavye dushimitse mushire ahabona abishe NDADAYE na NTARYAMIRA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.