IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyarusange: Umuntu umwe yishwe atewe grenade

Nyarusange: Umuntu umwe yishwe atewe grenade

jeudi 23 Ntwarante 2017

Umugabo azwi kw’izina rya Kobero niwe yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenkerezo rya 22 Ntwarante,umwaka wa 2017,ku mutumba Gasenyi, Komine Nyarusange,intara ya Gitega.

Amakuru ava aho ku mutumba wa Gasenyi, amenyesha ko Kobero, yishwe atewe igisasu ntenzwantoki (grenade) bayicishije mw’idirisha ryaho aryama, nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro.

Amakuru ava ahegereye aho uwo yaraye yitavye Imana yaba, avuga ko abagize ico gitero n’ubu bataramenyekana, ariko ko mu gatondo ko kuri uyu wa kane,igenekerezo rya 23 Ntwarante,umwaka wa 2017 abapolisi batari bake bari baje kuraba ahabereye ubwo bwicanyi.

Mu gipolisi mu ntara ya Gitega, bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira bamenye abakoze ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.