IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR & CFCIB : Ikori rikwiye gutangwa ata gahato

OBR & CFCIB : Ikori rikwiye gutangwa ata gahato

jeudi 29 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yatunganijwe na OBR ifadikanije na CFCIB kuri uwu wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017, yahuje abakorera muri vyo bisata hamwe n’abagwizatunga, umuyobozi mukuru wa OBR, Audace NIYONZIMA yahamagariye abagwizatunga hamwe n’abadandaza gutanga ikori atari ku gahato, agakebura abaca mu nzira zitemewe n’amategeko mu guhunga gutanga ikori.

Audace NIYONZIMA yamenyesheje ko uburyo bushasha bugiye gukoreshwa mu gukurikirana uko ikori ritangwa mu rudandazwa buzotuma atawusubira guca mu nzira zitazwi.

Muriyo nama hatewe igikumu ku masezerano yo gukorana hagati y’igisata kijejwe amakori n’amatagisi (OBR ) hamwe n’urwego rw’abadandaza mu Burundi (CFICB), urwo rwego rukazoba rugizwe n’abantu 16, 8 bo muri OBR na 8 bo muri CFCIB.

Ayo masezerano akazofasha kugira ivyo bisata bizokorane hisunzwe amategeko, bikazofasha umudandaza afitaniye ikibazo na OBR azoshobora kwitura urwo rwego kugira batore inyishu z’ibibazo bikunda kwibonekeza.

Umuyobozi ajejwe gutoza amatagisi yo hagati mu gihugu, Emmanuel NIYONZIMA yamenyesheje ko hagiye gutangura uburyo bushasha bwo kugenzura uko urudandazwa rukorwa, aho uwutwaye ibidandazwa azobwirizwa kwitwaza urupapuro ruranga ibidandazwa vyaguzwe, mu ntumbero yo kworohereza abagenzura.

Mwomenyako ubwo buyobozi bujejwe kwegeranya amatagisi yo hagati mu gihugu bwamenyesheje ko uwuzofatanwa ibidandazwa atagira urupapuro ruranga ibidandazwa vyaguzwe azoca ariha incuro zibiri amafaranga yorishe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.