IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Olivier SUGURU yagenywe kuba umukuru w’urwego nshingwantwaro rwa (...)

Olivier SUGURU yagenywe kuba umukuru w’urwego nshingwantwaro rwa OBR

jeudi 16 Ntwarante 2017

Abagize urwego nshingwantwaro kw’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR bahinduwe n’integeko ry ‘umukuru w’igihugu.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryateweko umukono kuwa gatatu,igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017,uwugiye kurongora urwego nshingwantwaro rwa OBR ni Olivier SUGURU, icegera ciwe ni Jean CIZA , mu gihe umunyamabanga ari uwusanzwe arongoye ikigo OBR Joseph SENTORE.

Abandi bagize urwego nshingwantwaro rwa OBR ni Felicite MPOZENZI,Anatolie MUZAKARE,Sylvere BANKIMBAGA,Sebatien NZIMANA na Beatrice SAMANDARI.

Iryo tegeko ryateweko umukono kandi n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE, hamwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta no gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta Donatien NDIHOKUBWAYO.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.