IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Amafaranga atozwa mu banyagihugu ni icaha gihanwa n’amategeko

PARCEM : Amafaranga atozwa mu banyagihugu ni icaha gihanwa n’amategeko

mardi 13 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje guhamagarira Abarundi guhindura ingendo risaba inzego z’igihugu ko zotuza ibimaze iminsi vyibonekeza, vy’ugutoza amafaranga abanyagihugu, akitirirwa intererano zitazwi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) asaba ubushikiranganji bw’ubutungane, ubw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubw’intwaro ibereye ko bwokora ibishoboka vyose kugira amafaranga ariko aratozwa mu banyagihugu bihagarare. Faustin NDIKUMANA aributsa ko ico ari icaha gihanwa n’amategeko y’Uburundi ajejwe guhana abarya igiturire n’ivyaha bijanye n’igiturire.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM

Kubwa Faustin NDIKUMANA, biratangaje ingene ico caha c’ukurya igiturire kibandanya gukorwa mu gihe amategeko atomora ko uwugikoze ahanishwa umunyororo wo kuva ku myaka itanu gushika kuri 20, hamwe n’amande ashika ku bihumbi amajana atanu.

Ishirahamwe PARCEM ribishikirije inyuma y’aho hari urwaruka bivugwa ko ari Imbonerakure za CNDD FDD rwihaye ububasha bw’ugutoza amafaranga yitirirwa ay’umutekano, hamwe n’ay’intererano z’umugambwe uri ku butegetsi. Ayo mafaranga atozwa cane cane muma zone ya Buterere, Kinama, na Kamenge, muri komine ya Ntahangwa iri mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu basabwa ayo mafaranga bahabwa ibitansi biriko ikidodo ca komine Ntahangwa, ivyo bitansi bikababwiriza kuriha amafaranga amajana atanu ku kwezi ku bapangayi, nyene urugo nawe akariha amafaranga igihumbi. Bose babwirwa ko ari amafaranga y’umutekano.

Ubuyobozi bwa komine Ntahangwa bumenyesha ko butazi ivy’ayo mafaranga atozwa, kandi ko ata munyagihugu n’umwe yatumwe gutoza amafaranga y’ugucungera umutekano. N’aho biri uko, ibitansi bitangwa n’abatoza ayo mafaranga biriko ikidodo ca komine Ntahangwa.


IGIHE

Messages

  • Ivyobintu bikorwa mu Rwanda ahusanga umunyagihugu waho yamayasabwe gutanga amahera yibintu birenga 10! Agaciro, umutekano, kwigira, kK, ntitwarituziko nongaha mu Burundi biriho

  • Ooohhhh nibara!!!! Reka guhohotera amanyagihugu mubaka amahera barafise! Nimba ayo mahera arayo guhemba imbonerakure. Reta nisabe imfashanyo mubihugu vyabarabu canke abashingamateka babakate amahera kumishahara yabo kk bahembwa menshi .Natwe abanyagihugu baduhe agahengwe

  • Iryoshirahamwe PARCEM rijejwe kwigisha ubugarariji?
    Mbega uyumusi uraregahe kwabahora badutwarira kurayomajambo yawe bamaze gukuramwo akarenge uriko uraturega kwande? Yatange cankureke abayatanga ubareke mbonanawewe ufise urwandiko rugushimira kowigeze gutangamahera yogushigikira yamigumuko none kobarya bayagusavye kutabavuze kobaguhohotera? Ahomwabukaranga twari musi yurujo.

  • Abanyabujumbura muzodukwegera n’akaturenganye. Ingorane zanyu, n’uko mukora amafuti yose mu makartiye yanyu, mugaca musimbira kw’isonga ry’inzu ngo Uburundi bwabaye nabi. Nk’ayo mahera muriko muravuga, none iyo mukora amatohoza ntimuba mwarafashe abo bantu. Abayatanze bariyizi, abo bayahaye barabazi, Commune itanga ibitansi muraz’ah’iri, none kuki mwirirwa muraza gucafuza inzego mu binyamakuru. Mugira muje muri ONU muvuge ko mukeneye abapolisi baza kubacungira umutekano kubera abarya ibiturire nabo? Uko s’ugukund’igihugu n’ukucararaza.

  • NONE TUBONYE ABAYATOZA BITAZWI TWOBIMENYESHANDE

  • Wowe wiyita TARi tesha ute u Rwanda rurarura muzaze tubigishe iterambere icyaricyo muve mumvunja

  • Ikindi mu Burundi ntabuyobozi buriho,abantu bikorera ivyo bashatse ikimenyetso cyibihe bya nyuma byintwaro igiye kurimbuka kandi izamena amaraso menshi yinzira karengane

  • yacuvuguko muburundi ubuyobozi buriho kandibwitorewe na banyagihugu.kandi nabajejwumutekano bariho kandibarawushoboye.ahubwonibige ingenebokemura ikibazocubukene kuko nicombona cananiranye.abonabo nibareke gusongerisibe mubanyagihugu.

  • uwo muhungu ahagarariye parcem Baramuhay’ubuhura yih’ubweyerezi i tenteterano y’umugambwe wacu CNDD FDD tuzitanga ukuri kwamye mukuwushigikira ndetse iz’amafaranga n’iz’ubuzima twobutanga mukwitanga tuwurwanira non’uwo mushingantahe Faustin yatumwe nande ngo amuvugire abo badandaza bib’inyoma ngo ibitansi n’ibidodo vy’ama komine twebwe tuyatoza abanywanyi bacu gusa kandi dukoresha amavarere ariko ibimenyetso y’umugambwe non’uwo mwangushi yabay’umuvugizi w’abagumyabanga ryari?nateshwe ate

  • mbega wewe?ushima yamahera watoza mumigumuko?yoguterateranya esanse yo guturira imbonerakure?uri umuhutu wikijuju basi!!!

  • baratanguye kwitoraguza. emama ngo ubuzima buzimvye emama ngo bobo rugurika yafunzwe. emama ngo karavera yafunzwe. nonubu naho ngo itozwa ryamafaranga. ayo yoyo murayavuga, komutavuze, ayomwatanze muterera igikorwa cimigumuko! amarese yatangwa vyari birekuwe namategeko? NIMBA WATAMITSWE. SHA BAKURUTSE. WARIYE IBIGUHAGAMA.bandanya. twakubonye icuri.

  • Muzoguma muterera umugambwe CNDD wagejeje u burundi n’abarundi kwisonga ry’anyuma kw’isi yose,ni mugerageze mwikureko ubwo bujuju nzingo mwarubatse amashule none muzokanura ryari mubone iyo abandi bageze namwe mutagira n’ikabambiri ngufise ayoguha umugambwe!

  • nkurunziza yanka ugwanda mugabo akarufatirako akarorero! nomugwanda nikohameze iryonikori nkarimwe ryatangwa kuntwaroyabatutsi!! (nahoramumahanga gutohoza impamvu nkurunziza yigomeka kubutegesi niyompamvuntaherukakurubtga)

  • Natwe Nuwana Bamwaka 500f Tuyatanga Kugahato.

  • Ugwanda!!!!!hahaaaaaaaa

  • MVUNZE UKU SOME MATAYO 23/13

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.