IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Reta ntiyigeze yanka gukorana n’abahinga" - Firipo NZOBONARIBA

"Reta ntiyigeze yanka gukorana n’abahinga" - Firipo NZOBONARIBA

vendredi 29 Nyakanga 2017

Mu kaganiro c’abavugizi b’inzego za Reta co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, Firipo NZOBONARIBA umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko umurwi w’abahinga batatu biteguye kuza mu Burundi Reta y’Uburundi ibemera mu gihe boba baje gufasha ubutungane n’igiporisi mu kubakarihiriza ubwenge, mu bijanye n’ingene amatohoza akorwa.

Firipo NZOBONARIBA avuga ko Reta itazokwemera ko abavuga ko baje gukora amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi, kuko inzego z’ubutungane n’igiporisi zifise ubuhinga bukwiye.

Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo, Firipo NZOBONARIBA arashimira ibihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi mu nama yabaye i Geneve kuri uno wa kane igenekerezo rya 28 Nyakanga 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uti ntimwigeze mwanka gukorana na ONU? Mwarirukanye uwuserukira ibiro vya ONU biraba agateka ka zinamuntu mbere murabitera. Muti ntimushaka umugwi wa ONU ugira amatohoza, ngo mushaka abakarihiriza ubwenge abajejwe ubutungane n’igipolisi vyanyu. Hanyuma mukagaruka ngo abo bajejwe ubutungane n’igipolisi vyanyu ngo barikwije mu buhinga bwo gutohoza! Yemwe ndajorewe! Murumva ivyo bihushane biri mu majambo y’abategetsi b’igihugu?

  • Raba ubwoba afise,igihe mwavugiye ko nta matohoza azokorwa n’abanyamahanga ngo ni bayakorere mu Rwanda i Mahama,none mubonye mugeramiwe uti nta matohoza y’abanyamahanga twigeze twanka, nonme bigenze gute?mugume hamwe sha CPI ibafatire rimwe

  • Nzobonariba muraza mumutunga mumvugo yiwe, murundi siwe nubusaza bumugejeje ahatemba.
    Mwibuke iyumuntu amaze gusaza nivyiyumviro birasaza, ugasanga yivugira nkutwabana bakunze kwivugira, kuko ntabacibuka ivyo yavuze aharenganye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.