Reta y’Uburundi iriyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe OCHA

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 février 2018 saa 02:00
22545
0 0

Reta y’Uburundi irahakana ibiri mu cegeranyo c’igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU citaho ba ntahonikora OCHA ku bijanye n’abarundi bakeneye gufashwa. Reta y’Uburundi imenyesha ko ico cegeranyo cari gukorwa, bakoranye n’ubushikiranganji bugengwa n’ico kibazo.

Nkuko biri mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryateweko umukono n’umunyamabanga wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi irashima igikorwa c’ishirahamwe OCHA mu bijanye no kurondera infashanyo ku bazikeneye, ariko bakamenyesha ko idashimishwa n’uko abakozweko amatohoza n’ibiharuro vyatanzwe bitavuye mu gukorana hagati ya OCHA n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubwo amagara y’abantu, ubwo uburimyi n’ubworozi hamwe n’ubwo agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha ko itangazwa no kuba atari irya mbere hatangwa ibiharuro vy’umurengera vy’abakwiye gufashwa n’ishirahamwe OCHA, kandi Reta yarashize uburyo butari buke mu gisata co guteza imbere abanyagihugu baba hagati mu gihugu, biciye mu guteza imbere uburimyi,amagara y’abantu no gutahukana impunzi, ivyatumye ibintu biba vyiza mu mwaka wa 2018, gusumvya mu mwaka wa 2017.

Reta y’Uburundi imenyesha ko ahubwo yiteze ko abafasha bashira uburyo mu gisata c’iterambere aho gushira uburyo mu gisata co kugarukira ku basinzikaye, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu mw’ijambo yashikirije mu ntango z ‘umwaka wa 2018.

Mu kurangiza, Reta y’Uburundi isaba abayobozi b’ishirahamwe OCHA kuvugana n’ubushikiranganji bwegwa n’ikibazo co kugarukira ku bari mu bibazo n’abandi bose, kugira hakorwe icegeranyo gihurijweko n’impande zose, kizofasha gukorera ku ntumbero imwe, hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe OCHA.

Kuwa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, ishirahamwe OCHA ryari ryamenyesheje ko abarundi imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana atandatu, n’ukuvuga ica gatatu c’abarundi bose bakeneye gufashwa, kandi ko hakenewe amafaranga imiriyoni 141 z’amadorare y’abanyamerika, kugira bikunde abo barundi bafashwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha