IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi itegekanya amafaranga y’ugusuzuma indege irerura umukuru (...)

Reta y’Uburundi itegekanya amafaranga y’ugusuzuma indege irerura umukuru w’igihugu

dimanche 12 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abashikiranganji bemeje ko hoshirwaho amafaranga y’ugukoresha iyo ndege (Entretien) kugira igume imeze neza.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi yaronse iyo ndege yashitse i Bujumbura kuwa 14 Kigarama 2016. Kuva ico gihe iyo ndege yagumye aho i Bujumbura idakoreshwa, bigasabwa ko ikorerwa (Entretien) nk’uko bisanzwe no ku zindi ndege kandi bigatwara uburyo butari buke, nk’uko vyemezwa n’inama nshikiranganji y’Uburundi.

JPEG - 28.8 ko
Iyo ndege yashitse i Bujumbura kuwa 14 Kigarama 2016

Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyo bikorwa bitegererezwa kubera hanze y’Uburundi kubera mu Burundi ata bahunga n’ubuhinga bikwiye bihari.

Firipo NZOBONARIBA umuvugizi wa Reta y’Uburundi ashikiriza ati : “Kubera y’uko uko indege iguma ihagaze hari ivyuma bibwirizwa guhindurwa, uko igihe kinaka kigeze. Mu gihe hoba hari amasezerano y’ukuyikoresha, iyo ndege izoguma iri hafi kugira ngo mu gihe cose bizoba bikenewe, Reta y’Uburundi izogume iyikorako”

Inama y’abashikiranganji yemeje ko Reta y’Uburundi yotegekanya amafaranga y’ugukoresha iyo ndege hamwe n’ukuyikingira ingaruka mbi zituruka ku kuguma ihagaze itaguruka.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.