Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi-Gisuru : Umugabo n’umugore bishwe bagirizwa uburozi
 Ruyigi-Gisuru : Umugabo n’umugore bishwe bagirizwa uburozi
 Ruyigi-Gisuru : Umugabo n’umugore bishwe bagirizwa uburozi
				
				mercredi 24 janvier 2018
Abo bishwe ni NDARUFATIYE Mariko n’umukenyezi wiwe Kapitorina NDABARINZE, bishwe bavuye kwivuna akanyota mu masaha y’ijoro.
Amakuru ava aho mu Gisuru, amenyesha ko bategerewe n’abagizi ba nabi bitwaje ubuhiri barabakubita, umukenyezi aca yitaba Imana uwo mwanya nyene, mu gihe umugabo yitavye Imana amaze gushikanwa kwa muganga, ku bitaro vyo mu Gisuru.
Ayo makuru nyene y’abanyagihugu yemezwa kandi n’abajejwe umutekano, amenyesha ko boba bishwe bagirizwa ibijanye n’uburozi.
Mu giporisi bavuga ko abantu batandatu bamaze gufatwa, ku mvo z’amatohoza.
MUGISHA Van Naris

Messages
25 janvier 2018, 20:32, par ntahomvukiye didace
ivyo vyoba vyemewe ko abantu bakora amahano nkayo bitwaje uburozi ?reta nirabe neza kuko abantu bashobora gupfa ibinti bagahava bitwaza uburozi..mwibagiwe ijambo nyen’icubahiro yavugiye mu cibitoke ?