IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi-Gisuru : Umugabo n’umugore bishwe bagirizwa uburozi

Ruyigi-Gisuru : Umugabo n’umugore bishwe bagirizwa uburozi

mercredi 24 janvier 2018

Abo bishwe ni NDARUFATIYE Mariko n’umukenyezi wiwe Kapitorina NDABARINZE, bishwe bavuye kwivuna akanyota mu masaha y’ijoro.

Amakuru ava aho mu Gisuru, amenyesha ko bategerewe n’abagizi ba nabi bitwaje ubuhiri barabakubita, umukenyezi aca yitaba Imana uwo mwanya nyene, mu gihe umugabo yitavye Imana amaze gushikanwa kwa muganga, ku bitaro vyo mu Gisuru.

Ayo makuru nyene y’abanyagihugu yemezwa kandi n’abajejwe umutekano, amenyesha ko boba bishwe bagirizwa ibijanye n’uburozi.

Mu giporisi bavuga ko abantu batandatu bamaze gufatwa, ku mvo z’amatohoza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ivyo vyoba vyemewe ko abantu bakora amahano nkayo bitwaje uburozi ?reta nirabe neza kuko abantu bashobora gupfa ibinti bagahava bitwaza uburozi..mwibagiwe ijambo nyen’icubahiro yavugiye mu cibitoke ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.