IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umugabo n’umugore wiwe batewe gerenade

Ruyigi : Umugabo n’umugore wiwe batewe gerenade

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bataramenyekana bateye gerenade umugabo n’umugore wiwe bariko barataha mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, muri komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi. Abo batewe gerenade bariko biyunguruza bari kw’ipikipiki, bakaba bari bageze ku rugo rwabo, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro. Umugore asanzwe yari umwigisha yaciye yitaba Imana aho nyene, umugabo nawe arakomereka.

Abajejwe intwaro muri komine Butangazwa bamenyesha ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi, kuko uwo mugabo yatewe gerenede yari asanzwe afitaniye urubanza muri Sentare n’umugore wiwe wa mbere bari baravanye, uwo yitavye Imana akaba yari umugore wa kabiri.

Mu giporisi mu ntara ya Ruyigi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.