IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Serbie : Uwahoze ari umukuru w’igihugu yitavye muri sentare

Serbie : Uwahoze ari umukuru w’igihugu yitavye muri sentare

lundi 23 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo yahoze atwara igihugu ca Serbie yagirijwe ko yakoze ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu mu myaka y’i 1990 mu gihe c’intamabara yaca bigacika muri ico gihugu.

Bamwe mu bashingwamanza biwe bamenyesha ko uwo baburanira ariko ararenganywa kuko ivyo yashikirije vyerekana ko ataco yagira vyagwijwe n’ubusa.

Abacamanza bo muri Sentare iburanisha Rodovan KARADZIC ku bwabo babona ko igihano yahawe ari gito, ahubwo ko yarigukatirwa umunyororo wo guherayo.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzocibwa burundu n’abacamanza ba Sentare mpuzamakungu y’i La Haye nza mu mpera z’uno mwaka.

Rodovan KARADZIC afise imyaka 72, yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’igihugu ca Serbie, akaba yagirizwa ubwicanyi bwakorewe abantu bashika ibihumbi 8 bava mw’idini rya Isiramu bo mu gace ka Srebrenica, igihe c’intamabara yabera muri ico gihugu mu myaka ya 90.

JPEG - 145.8 ko
Rodovan KARADZIC w’imyaka 72, yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’igihugu ca Serbie

Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.