IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliland : Umwigeme avuga ivyese yaciriwe gupfungwa imyaka (...)

Somaliland : Umwigeme avuga ivyese yaciriwe gupfungwa imyaka itanu

lundi 16 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Somaliland yavuze ko, uwo mwigeme yatswe uburenganzira bwiwe bwa kiremwa muntu.

Nacima Qorane yafashwe mu kwezi kwa mbere 2018, avuye mu gisagara ca Mogadiscio ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya, aho yavuga ko avuye kuvuga ivyese bihamagarira ugusubiza hamwe kw’igihugu ca Somaliya.

Inyuma y’intambara z’urutavanako mu buraruko bushira uburengero bwa Somalia, vyatumye haba ukwicamwo ibice kuri ico gihugu, gushika aho Somaliland itangaza ko ari igihugu cigenga.

Umushikirizamanza mukuru wa republika avuga ko uwo mwigeme Nacima Qorane ,yagiriwe n’icaha co gucafuza igihugu ciwe, no kudakunda reta y’igihugu ciwe ca Somaliland.

Somaliland yiyonkoye kuri Somalia mu mwaka w’1991, n’aho ico gihugu kitemewe ku rwego mpuzamakungu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.