IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UA iragabisha ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rishobora kugira (...)

UA iragabisha ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rishobora kugira ingaruka mbi ku Burundi n’akarere

samedi 12 mai 2018

Mw’ikete umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yandikiye Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu bibazo vy’abarundi, amenyesha ko ibwirizwa nshingiro ryasubiwemwo hatisunzwe ivyashikirjwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, hakengerewe kandi impanuro zatanzwe n’akarere, ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu.

Muri iryo kete, umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, amenyesha ko, ibwirizwa nshingiro ririko rikoreshwa ubu ryateweko umukono mu mwaka wa 2005, ari ikintu kiboneka cavuye mu masezerano y’amahoro y’i Arusha, kandi ko ibihugu vy’akarere n’amakungu arivyo vyatumye ashikwako.

Umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, avuga ko amasezerano ya Arusha yafashije abarundi gutsimbataza amahoro n’umutekano, kuko yatumye indyane zifatiye ku moko zihagarara.

Moussa Faki Mahamat, avuga ko bisunze ko ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rishobora kugira ingaruka mbi mu gihugu no mu karere, bakwiye kuja hamwe abahagarariye amasezerano ya Arusha yatumye ibwirizwa nshingiro rihari ubu rijaho, bakarwiza inguvu kugira bafashe Uburundi gutuma amahoro, umutekano no gusubiza hamwe bidasubira inyuma ku ntambwe bigezeko.

Umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, amenyesha ko kurangiza ibiganiro bihuza abarundi kandi vyitabwe na bose, imbere y’uko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro aba, ari ngirakamaro.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Aba dd bishakira kuguma kubutegesti ariko icobomenya co uzogira imana azota yomoke ivyo mukora ntibizobasiga amahoro.inzara ngiyo nta terambere nta securite iri mugihugu ikibaraje imbere nuguhindura ivyo bahindura.ntanvura idahita

  • amatwi arimwo urupfu ntiyumva,aho yahanuriwe yarase hagowe abavyeyi nibibonÉ—o buca bahahonera nayowe nintakorwako ariko Mana warwaniye uburunÉ—i koko

  • Umwami Yesu abigirire neza,ikirengeye vyose abatahuze ivyijuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.