IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UNESCO : ’’Ubutunzi bw’amashusho n’amajwi buracahura n’ibibazo’’

UNESCO : ’’Ubutunzi bw’amashusho n’amajwi buracahura n’ibibazo’’

vendredi 27 octobre 2017

Mw’itangaza ry’ishirahamwe UNESCO, umuyobozi mukuru wa UNESCO Irina Bokova amenyeshako amajwi n’amashusho ari idirisha ryuguruye kuri kahise rikadufasha kandi gushika kuri kazoza, kandi ahuza kahise na kazoza.

Muri iryo tangazo, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNESCO ubwo butunzi bugira kahise kacu dusangiye twese , kandi butegerezwa gukingirwa no gusabikanywa nk’ikituranga kikerekana n’amamuko yacu.

Naho biri ukwo,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNESCO amenyeshako amashusho n’amajwi bihura n’ibibazo bitandukanye na cane cane kutitabwaho,guta agaciro bivanye no kuba bitajanye n’ibihe iterambere rigezeko.

Muri iryo tangazo,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNESCO Irina Bokova amenyesha ko mu ntumbero yo gukingira ubwo butunzi,ishirahamwe arongoye rikorana n’amareta yo kw’isi yose mu gukingira ubwo butunzi kugira bufashe abakenyezi n’abagabo kubona bishasha ,kwibuka no gusabikanya bikadufasha kuba ico turi.

Uwo munsi uhimbazwa ku civugo :’’Gutora bishasha, kwibuka no gusabikanya.’’


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.