IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UPRONA yemeza ko amasezerano y’i Arusha agifise akanovera

UPRONA yemeza ko amasezerano y’i Arusha agifise akanovera

lundi 28 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyaka 17 yakwiye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2017 Uburundi bwemeje amasezerano y’i Arusha yahagaritse intambara mu Burundi. Umugambwe UPRONA usaba ko ayo masezerano y’i Arusha yokwubahirizwa kugira igihugu c’Uburundi gitekane.

Abel GASHATSI, umukuru w’uwo atera akamo abari mu murwi wiga ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ko boshira imbere ineza y’igihugu.

"Mu vyokorwako vyose, amasezerano y’i Arusha yokwubahirizwa kuko ariyo yatumye inzego z’umutekano na gisirikare zikorana, abari bashamiranye bashira hamwe, amoko yose aserukirwa mu nzego z’igihugu."

JPEG - 96.5 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi bamenyesha ko intureka za poritike zimaze imyaka ibiri mu Burundi zatewe n’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu kiringo ca gatatu, ibitandukanye n’amasezerano y’i Arusha avuga ko umukuru w’igihugu atwara ibiringo bibiri gusa.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.