IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwizeye iyugururwa ry’urubuga rwa poritike mu gutegura amatora ya (...)

Ububirigi bwizeye iyugururwa ry’urubuga rwa poritike mu gutegura amatora ya 2020

vendredi 8 juin 2018

Mw’itangazo yashikirije inyuma y’ijambo ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, Didier Reynders, yavuze ko gukurakuranwa ku butegetsi ari ishimikiro ry’amasezerano ya Arusha, n’amasezerano ya Afrika mu bijanye n’intwaro rusangi, amatora n’intwaro.

Didier Reynders avuga ko, inyuma y’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, igihugu c’Ububirigi cizeye ko abategetsi b’Uburundi bazoshobora kwugurura urubuga rw’abanyagihugu na poritike, ari narwo rukenewe mu gutunganya amatora ya 2020.

Muri iryo tangazo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, avuga ko Ububirigi busaba ko ibiganiro atawe bikumira bisubira gutunganywa, bihagarikiwe n’akarere no mu ntumbero y’amasezerano ya Arusha.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020, kandi yiyemeje kuzoshigikira umukuru w’igihugu abarundi bazotora mur’uwo mwaka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ububirigi bushaka iki ubu naho !!arusha accord niyo yatowe nabanyagihugu canke constitution !!

  • ndashimiye petero nkurunziza koyaraye yemeye yakoze nkumushingantahe

  • Ububikigi butaretse kuguma buburagiza abarundi buzohumura bukubiswe akanwafu nkak’Imana yakubise Farawo mugihe yariyakomeje kuburagiza abi Srayeli kuko Imana yoyo ntikinatishwa, burya igihe nicokirindiriwe gusa ivy’Imana yavuze bigasohora maze Ububiligi butakambire uburundi nkawamutunzi yagize ibibazo agatangura gutabaza uwoyatutse.

  • Ububiligi nta matangazo bakwiye gushikiriza ajanye n’ivyo nyenicubahiro yabwiye abarundi kuko ijambo yashikirije ryabwiwe abarundi ntiryabwiwe ababiligi. Ikindi naco twebwe abarundi twatoye Ibwirizwa nshingiro ntitwatoye Accord d’Arusha. Iyo accord nayijane iwabo mu bubiligi mbona abarundi benshi bahemukiye Uburundi ariyo bari twebwe atureke. Ngo ibiganiro vy’iki ? Hagati yande nande ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.