IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa buriyamiriza urupfu rw’umushinkiranganji Emmanuel (...)

Ubufaransa buriyamiriza urupfu rw’umushinkiranganji Emmanuel Niyonkuru

mercredi 4 Nzero 2017

Igihugu c’Ubufaransa kiratera ivyatsi urupfu rwahitanye Emmanuel Niyonkuru yahoze ari umushikiranganji w’amazi,ibidukikije no gutunganya ibisagara, mw’ijoro buca ari kuw’Imana igenekerezo rya 1 Nzero 2017.

Mw’itangazo igihugu c’Ubufaransa cashikirije kibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ibindi bihugu n’iterambere mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2017,Ubufaransa bumenyesha ko bubabajwe n’urupfu rw’umushikiranganji yitaho bimwe biboneka gukingira ibidukikije.

Muri iryo tangazo, Ubufaransa bumenyesha ko buhojeje umuryango, incuti hamwe n’abarongozi b’Uburundi.

Emmanuel Niyonkuru yahora ari umushikiranganji w’amazi, ibidukikije no gutunganya ibisagara yarasiwe imbere y’aho yaba muri Zone ya Rohero mw’ijoro ryo kuwa gatandatu avuye mu bunywero chez Andre.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.