IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya buriyamiriza igitero cakozwe kuri Willy NYAMITWE

Ubumwe bwa Buraya buriyamiriza igitero cakozwe kuri Willy NYAMITWE

mercredi 30 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi buriyamiriza igitero cakozwe kuri Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ajejwe kumenyesha amakuru. Muri ubwo buserukizi bamenyesha ko ivyo vyerekana ko ubugizi bwa nabi bugizwe n’ubwicanyi hamwe n’ukunyuruza abantu, bubandanya mu Burundi.

Mw’itangazo ryasohowe, ubumwe bwa Buraya mu Burundi bwibutsa ko ubugizi bwa nabi, yaba ubwa poritike canke ubundi bwose butemewe. Muri iryo tangazo nyene, ubumwe bwa Buraya burahoza umuryango w’umuporisi yitavye Imana, uwo akaba yari mu bari bacunze umutekano wa Willy NYAMITWE.

Willy NYAMITWE nawe yakomeretse ku kuboka bamwipfurije imisuhuko, hamwe n’uwundi muporisi nawe nyene yakomerekeye muri ico gitero cabaye kuri uwu wa mbere.

Ubumwe bwa Buraya bubandanya bumenyesha ko ibiganiro bihurikiyemwo bose, kandi bidakumira, ariwo muti wonyene w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, bukamenyesha ko bushigiye umuhuza William Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzania, akaba ariwe yashizweho n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, kugira ahagararire ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo.


IGIHE

Messages

  • mwoho ntakindi mukeneye atari nyungu zanyu vyose nimwe mubitera nimwe mushigikiye abobicanyi twarabahinyuye namwe nta democcaras muzi kuko mushigikiye abagize kudeta

  • MUKENEY IBIGANIRO NAYAMIHIMBIRI YAGOMBA GUTA IGIHUGU MUKAGA LE 13.5.2015 ? NDABWIJUKUR NTAMUNTU ARARIY YICARANA NABAGIRIZWA COUP D ETAT . HAMWE IZOJAVYI ZARAY ZIGOMYE KWONGERA KWIHIBARA ZOFATWA NTIMUZOSIMBIR KUMARADIYO NGO NINZIRAKARENGANE.

  • murahumbasha ntabiganiro vyamagaburanyama bizoba muburundi, nicogituma muguma mutuma abazaguhungabanya umutekano kugirango imbwa zose muzihindire mubiganiro ivyo ntibizokunda kuko ayomayeri mukoresha turamaze kuyahinyura mwoshaka mwoturura abarundi turimaso....

  • Iyobavuna nukuguru akaza ragenga yicaye.

  • Mwebwe Ayo matangazo yanyu twarayarambiwe kuko iyo mubishiramwo ugushaka ibiriko bira muriki gihuhu cacu biba vyararangiye ariko araba ingene mwirirwa muha impigi abicanyi bankuru mukubatwara mutumwa bwamahoro aho muja kwirirwa mubahemba amadorari yo kutumara kuva igihe babasabiye guhagarika gutanga ayomahera mukica amatwi namwe abantu bariko baricwa kubwayo mahera muzobabazwa nimubafatire ibihano ruhasha apana birya mwabafatiye vyanyirarureshwa

  • ntagitero cabaye ko nyamitwe avuga ko mu burundi harumutekano nonegayemwe vyoba vyagenze gutega kugirango nyamitwe abure umutekano

  • None iyomuvuze ibiganiro bidakumira mubamushatse kuvuga iki ?
    Kombona iyo hagize umuntu yica umuntu mucamuvuga iryojambo?
    Muvyukuri murazofata akanya gakwiye mudusobanurire ibiganiro bidakumira ukwo mwebwe bubitondeka kuko twebwe ibiganiro bidakumira twaramaze kubijamwo.

    Ikindi nibaza twoba tutakoze nibiganiro vyuburundi nigihugu kibanyi curwanda ciyemeje kuba inzira nogupangirwamwo amabi yogukorera uburundi cokimwe nubwobumwe banyu bwa Bulaya canecane igihugu cu Bubiligi.
    Kuko bitebebitebuke ibiganiro vyuburundi nurwanda nu Bulaya bitabaye igihe kizokurikira ibihugu vyuburundi nurwanda bizosekurana kandi bizobera ibintubibi kubaribaragize urwanda inzira yokubangamira ibihugu vyomubiyaga binini kuko nabomutabona kurubuga icogihe muzocamubabona.
    Ivyorero bamwe baravugako izobintambara ya Afrika yose, abandi bakavuga ko izociba intambara Y’ISI yose ngokubera urwanda ivyorukora rushitsa ivyorwumvikanye nibihigu bimwebimwe bikomeye kw’Isi , ariko bakaba ibihugu biriko birababazwa nuko haribindibihugu navyobikoneye bikomeje kubabazwa nuko haribihugu bikomeje gukoresha urwanda muguhungabanya ibihugu ibitaribike vy’Afrika ivyorero vyose riraniga mbese nobabwirako arumwanyagusa maze umukino mpuzamakungu ugatangura.
    Ya GENUCIDE bamwe baribamaze imisi bifuriza abarundi izohinduka basange nintambara yoguhigana kubihugu .

  • WEWE USERUKIRA UBUMWE BWABURAYA NTUHURIKA CANKE UCHIGIKIYE ABAHEKURA UBURUNDI ESE IBIGANIRO UVUGAKO ABANYAGIHUGU BABIKOZE NICOBAPFUNDITSE CARAGIYE AHABONA KOTUZI ABO UVUGA BARIHANZE ARABAGIYE KUDETA IBANANIYE IBINDI UVUGA NIBIHE URABECHA UZOHINYUKA UBUBIRIGI NUGWANDA SIMWE MWJE KUBA ABABANEKERA UKOBAZANA INKOHO IMIDUGAYANYU SIYO IBIZANA NDAKUBWIRE MUTIHANUYE MWE NUGWANDA NUBUBIRIGI NAYO MASHIRAHAMWE AKOKEZA ICOMUHIGA KUBURUNDI MUZE MURABE NDABIVUZE BUCA MUHINYUKA NAWE UREVUTE GWIBIGANIRO NABICANYI UBASABIRA KUGANIRA BAJANE IWANYU NAYO MUBURUNDI OYA KANDI USIVYEKO BAZOGAMUGAHINGA NTAKINDI BARINDIRIYE BAZIVAMWO

  • Urwanda Ruriko Rurakwega Intambara Rutazi Aho Izoherera .

  • Mwa bantafrika, igihe cose muzokwama muteze amashi aba nyaburaya, igihe cose muzokwitwara comme des esclaves nkuko biri ubu, bazokwama babica gushika ku wa nyuma. Ve inyuma y’abakoloni. Abanyaburaya ntaco bafise baha Afrika atari kubabohera amaboko imugongo no kubazanamwo immoralité yabo.
    Mugabo mu bwiyorobetsi bwabo bakagaruka ngo turateye ivyatsi ubwicanyi kandi aribo bari inyuma yabwo.
    Mpereye ku bubirigi, iyaba Abarundi baciye ubwenge baba bahagaritse kera imigenderanire diplomatiques.

  • wewe wiyise . nkubwireko ibyo utekereza bidashoboka ninkinzozi wibereyemwo kuko iyo ntambara uvuga ntiteze kuzabaho kandi niyo yabaho uburundi bwohakura isomo rikomeye nkiryo abafaransa bakuye mu Rwanda 1994 kugeza nubu bakibyibazaho cyane nkaswe uburundi , kd u Rwanda kuba bwaracecetse suko arubugwari ahubwo nuburyo bwo guha uburundi umugongo rero ntampamvu yuko u Rwanda rwakwivanga mubibazo byabarundi ariko rukanka agasuzugugo ko kuvogera igihugu uzobigerageza azibonera kuko u Rwanda nigihugu cyiyubatse munzego zose kuva kumuturage wohasi kugeza kuri president wa repuburika , harumurongo rero ntarengwa .

  • Nkuko Babikora No Ku Bandi Ni Bagire Amatohoza Kuri Abo Bantu Bintumva Bagomba Ko Igihugu Kigwa Mu Kaga

  • ariko se wa mugani wa @Neza abo bateye Nyamitwe baturutse he ko mperuka umutekano i burundi ari 99% as he said recently . ni danze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.