IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahojeje imiryango y’ababuze abayo mu gitero cabereye mu (...)

Uburundi bwahojeje imiryango y’ababuze abayo mu gitero cabereye mu Burusiya

mardi 4 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje imiryango yaburiye abayo mu gitero c’iterabwoba cabaye mu gihugu c’Uburusiya kuri uwu wa mbere. Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko iterabwoba rizotsindwa mu gihe abantu bose boja hamwe mu kurirwanya.

Kuri uwu wa mbere, mu gisagara St Petersburg mu Burusiya, haturikiye igisasu cahitanye abantu 11, gikomeretsa abandi 45 bari muri gari ya moshi.

Ico gitero bivugwa ko gifitaniye isano n’iterabwoba, bikemezwa ko uwagikoze yoba ari uwo muri Aziya.

Amafoto atandukanye yerekanye iyo gari ya moshi yononekaye bikomeye, abayirimwo bariko bakurwamwo.

Inzego zijejwe umutekano zataye muri yompi umusore w’imyaka 23 bikekwa ko ariwe yateye ico gisasu, ariko ntibiremezwa namba ariwe yabikoze, kandi nta n’umurwi w’iterabwoba uriyemerera ko wakoze ico gitero.

Igihugu c’Uburusiya cashizeho iminsi itatu y’ikigandaro, umukuru w’ico gihugu, Vladimir Putin akaba yishikiye ahabereye ico gitero, ahashira ingori z’amashurwe.


IGIHE

Messages

  • Imana Ibakire Mubayo Kndi Twihanga Nishyijye Imiryango Yabo

  • Arakoze guhoza ababuze.Kuvakera abarundi bamanye impuhwe.

  • NONE ABOBASESA AMARASO YABENE WABO BO NTIBAZOPHA ? NDASHIMIYE UMUKURU W,IGIHUGU CACU KO YAHOJEJE MUGENZIWE WUBURUSIYA IYUMUBANYI AGIZINGORANE NAWE UBA UZIGIZE.

  • condolence my friends! one day we will overcome the terrorism when we will be united; we will condamn all obstinate terrorists.

  • Mukuri nibihangane gusa byange bikunde iterabwoba rizatsindwa burundu nababigiramo urahare ntibazabagwa amahoro. Ariko nanone usanga hari ibihugu bikora amakosa mu kurinda no kurandura iterabwoba kuko usanga akenshi bimwe muri ibyo bihugu biba bifite amakuru kubakora iterabwoba, ariko ugasanga iyo hatabayeho kubakumira hakiri kare ugasanga birangiye intagondwa zamaze abantu bakabona kubona ko hari ikibazo kandi abantu bashize. Mboneho gushimira igihugu cy’u Rwanda gikataje mu kurwanya iterabwoba kuko u rwanda iyo rubonye amakuru ayariyo yose y’ubugizi bwa nabi ntibatesha agaciro bahita bayakurikirana

  • Mukuri nibihangane gusa byange bikunde iterabwoba rizatsindwa burundu nababigiramo urahare ntibazabagwa amahoro. Ariko nanone usanga hari ibihugu bikora amakosa mu kurinda no kurandura iterabwoba kuko usanga akenshi bimwe muri ibyo bihugu biba bifite amakuru kubakora iterabwoba, ariko ugasanga iyo hatabayeho kubakumira hakiri kare ugasanga birangiye intagondwa zamaze abantu bakabona kubona ko hari ikibazo kandi abantu bashize. Mboneho gushimira igihugu cy’u Rwanda gikataje mu kurwanya iterabwoba kuko u rwanda iyo rubonye amakuru ayariyo yose y’ubugizi bwa nabi ntibatesha agaciro bahita bayakurikirana

  • MANA BAHE UKWIHANGANA,TURIMUMISI YIHEREZO

  • none hari igihugu kigitanga amafr.atazishyurwa?abo ahubwo mugira amahirwe mwe !abo banyeshuri baze mu rwanda barebe uko bimeze!kwishyura batangiye akazi nta kibazo.namwe ntimukagore leta!!!

  • NANJE NDAHOJEJE IMIRYANGO YABOBITAVYIMANA IMANA IBAKIRE ARIKO RERO IKINTANGAZA NUKO WEWE WISHE MUGENZA NUKO UDAHEZANGO WIYONGERE IMYAKA YOBAYEHO MANA TABARA IYISI NABANABAWE ATACOBARIKO BARAZIRA

  • Mukama tabara isi kuko irarushe.nimwihangane ariko ijambo ry’Imana rivuga ngo ingero y’icaha n’urupfu ababikora iherezo ryabo ni mumuriro udahera

  • Bakomeze kwihangana nabavandimwe buburundi ntibaduhevye mubigoye

  • Birababajecanekweri. Ntawobitobabaza

  • Sha ntakundi nibihangane twes niyo tuj

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.