IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwashimiye ibihugu vya Afrika kiretse Urwanda na Botswana

Uburundi bwashimiye ibihugu vya Afrika kiretse Urwanda na Botswana

samedi 30 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza kandi ingingo (Résolution) yashikirijwe n’ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya, nk’uko bivugwa na Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije iyo myiyerekano yabereye mu gisagara ca Bujumbura, mu kibanza citiriwe ukwikukira.

Abari bitavye iyo myiyerekano bari bitwaje ivyandiko vy’ugushimira ibihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi. Muri iyo myiyerekano, biyamirije igihugu c’Urwanda na Botswana bavuga ko bitashigikiye Uburundi.

Therence NTAHIRAJA, mw’ijambo yashikirije abitavye iyo myiyerekano yagize ati : "Kwari ugushimira benewacu bo muri Afrika, bamaze gutahura. Ibihugu vyose vya Afrika biri muri irya nama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU, uretse Urwanda na Botswana, nta kindi gihugu ca Afrika cashoboye kwemera ivyo bintu bariko barementanya ku Burundi."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Burya dusazwe tubizi yuko umwicanyi yamye ashigikira umwicanyi nkawe, ababashigikiye nabamenja nkamwe.
    Narabahebuye muri, o, ahubwo iyo muba mwarabagabo murikugira, imyiyerekano muvuga muti unomusi turavavanuye nukwica abanyagihugu tubahora ubusa, aho niho narikumenya komuri incabwenge!.Niharambe Botswana, niharambe Urwanda, ni harambe ONU, niharambe ibihugu vyunzubumwe bwa Burayi, nibakomere kwibabanga turabashigikiye.

  • Dommage ko solidarite negative ariyo tubona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.