IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi bwitwariye ubunyamabanga bukuru bwa Afrika y’Ubuseruko

Uburundi bwitwariye ubunyamabanga bukuru bwa Afrika y’Ubuseruko

vendredi 19 janvier 2018

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko,Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko bitwariye ibiro vy’umunyambanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko kuko amatora aheruka yo gutora umukuru w’inama nshingamateka w’uyo muryango EALA yaciye kubiri n’amategeko.

Isabelle NDAHAYO yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA yatowe, mu gihe igitigiri gisabwa n’amategeko ntunganyabikorwa kugira amatora ashobore kuba kitari gikwiye.

Uwo mushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afirika y’Ubuseruko avuga ko bitumvikana kubona hakoreshwa inguvu mur’ayo matora, kandi inama nshingamateka y’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko ari urwego rujejwe gutora ,kwubahiriza hamwe no gukurikiza amategeko y’ako karere.

Isabelle NDAHAYO amenyesha ko inama nshingamateka y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko itoba ijejwe gushiraho amategeko hama ikaba iya mbere mu kuyahonyanga, arico catumye Uburundi bwitwara kugira ivyo bibazo bitorerwe umuti.

Umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, Martin NGONGA yatowe kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, mu gihe abashingamateka b’Uburundi n’aba Tanzaniya bari basohotse.

Ariko mu nyuma,naho bari bifadikanije n’abaserukira Uburundi, abashingamateka baserukira igihugu ca Tanzaniya bahavuye bemera ivyavuye muri ayo matora ashiraho umukuru w’Inama Nshingamateka ya EALA.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ubundi mwavuyemwo kwataco mumaze.ntantererano mutanga mwatubereye umuzigo.mwabacyuye bagataha aho kurya ivyabandi gusahura !!!

  • Ariko rwose abarundi mujye mugerageza kwihangana mugir’ibyo murenga n’iyo byaba bibababaje, ntaho mwagera muramutse mutihanganye, lkindi ntimukikoz’isoni muhora mu matiku nk’abana Nabo batarezwe batagir’ikinyabupfura,iyo mikorere y’umujinya ntaho yagez’igihugu Murimo kugitoba

  • Non nabo mukwiba kobananirany ni barek babacemwo nabonyen bacamwo abandii

  • Saba kwamategeko akwirikizwa, ntakuturenganya !

  • Ariko uti let’s yicafuka niyicafuka nyene. Ariko batiyumvira yuko AELA bishobora guhonyanga amategeko nkuko guhonyanga ? Nibabanze bubahoroze amategeko shingiro twotoreye,hanyuma babwire abandi ko bahonyanze amategeko agenda ishorahamwe. Ngo icudadhaka ko bakugorira,ntukakigirire abandi. Reka rero bemere aho ingahe yashize,kuko hariya nincabwenge dukwiye sinashobora kugenda amategeko.nimwatsinda urwo tubanze, nzoca ndabongera iyindi munda ya4

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.