IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntibwaserukiwe i Kigali mu nama y’ubumwe bwa Afrika

Uburundi ntibwaserukiwe i Kigali mu nama y’ubumwe bwa Afrika

lundi 19 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama b’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, niho hazokwemezwa amasezerano y’ugushiraho isoko rusangi y’ubumwe bwa Afrika (CFTA : Continental Free Trade Area).

Abakuru b’ibihugu bamaze kwemeza ko bazokwitaba iyo nama izotangura kuri uwu wa gatatu abatwara ibihugu bikurikira : Niger, Tchad, Congo Brazzaville, Djibouti, Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, Togo, Mauritania, Gabon, Guinea, Senegal, Kenya, Mali, Madagascar, Guinea Bissau, Mozambique, Burkina Faso, Centrafrique, Libye, Comoros, Sahrawi, Ghana, Lesotho, Gambia, Somalia, Angola, Zimbabwe hamwe na Afrika y’Epfo.

JPEG - 78.2 ko
Muri iyo nama, intebe y’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire yagaragara

Umubano w’ibihugu bibanyi, Uburundi n’Urwanda, watanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, hatanguye imyiyerekano y’abiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza igihugu c’Urwanda ko kibitse abashatse gutembagaza ubutegetsi, ko Urwanda rwatanze ibirwanisho vyakoreshejwe mu ntureka zihitiye mu Burundi, kandi ko n’abarwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bahabwa imyimenyerezo ya gisirikare muri ico gihugu.

Ku rundi ruhande, Urwanda rwagiriza Uburundi ko bukorana n’abarwanyi ba FDLR. Ibihugu vyompi bimenyesha ko bifise ivyagiriji bikwiye.

Kuva uwo mubano utanguye kubonekamwo utunenge, igihugu kimwe muri ivyo cakiriye inama, ikindi ntigiserukirwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Andika hano nibahariranire.

  • u Burundi nta kindi bwari gukora kugira bugaragaze akarenganyo bwakorewe, kuko abantu bose batejeyo umutekano muke bahungiye mu Rwanda iyo ubutungane bw u Burundi bubarondeye u Rwanda rwanka kubatanga ngo barenguke imbere ya sentare, bisigurako uburundi bufise raison kuvyo bwakoze. ibihugu bibanyi bigonga kubana neza, rero u Rwanda nirwegere u Burundi bumvikane nibiba ngombwa rusabe ikigongwe maze abanyagihugu bongere bahahirane , basurane, ibihugu bitere imbere mu mutekano nta ngere, igishavuje umunyagwanda arashika Uganda bakamufunga, yashika Burundi bakamufunga, yashika Tanzania bakamwirukana, yashika i Congo bakamufunga ivyo vyose biva ku ngene Leta y u Rwanda ibanira ivyo bihugu hama abanyarwanda akaba aribo babizira, naho FDRL yo niba iri mu burundi u Rwanda nirutangaze amazina y abayigize bariyo nkuko u Burundi bwatangaje list yabo burondera bari mu Rwanda. abategetsi b U Rwanda bakwiye gukorera abaturage aho guharanira ivyubahiro no gutinywa.

  • Pe, ’uko byahoze abanyarwanda n’abarundi ni abavandimwe rwose. Nasabaga ko habaho ibiganiro bityo abantu bakagumya bagahura nta ngorane. Murakoze

  • Hihiii. Akazi karakomeje. Gutera imbere namahitamo.

  • ngo urwanda nirusabe ikigongwe uburundi? kubera iki? wibazako uburundi butitavye iyo nama ninde uhahombera ni urwanda canke ni uburundi?

  • Hum!
    1. Hari abarundi u Rwanda rwarondeye kubera ko basize bakoze jenocide ngaha ariko mwarabimanye,
    2. Nubundi muretse kubeshya, Nkurunziza ntiyari kuva mu gihugu kubera gutinya coup, agira ubwoba ngaho mumbwiye depuis 2015, hari nahamwe yari yajya uretse kujya kuri toilet no muri douche?
    3. Ikindi mwiririre kuko twe ibyacu birarinzwe di, uretse mwe c mwikora munda, congo, Uganda na Tanzaniya ko bose bari bahagarariwe mwe ninde warubahagariye, intebe yanyu ntiyaririho ubusa, ese ubundi ko mutaje munama harya buriya ninde wabihombeyemo ra, ko muri ibizongwe wakunva muvuze ngo ni u Rwanda dore ko mwasaze! Mwe se ntibabirukanye muri Tanzaniya, yabababababaaaa, kdi mumenye ko there is no permanent friend or enemy in politics, bibaye byiza ibihugu byacu bikumvikana ariko bitanabaye ntagihombo kuko nubundi amavunja agiye kubamara mutazatwanduza muraka puuu!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.