IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko ububisha bukomakomeye (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko ububisha bukomakomeye bwagabanutse

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caremeshejwe kuri uwu wa kabiri itariki 17 Gitugutu 2017, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro gushika mu mpera za Nyakanga, umutekano mu mihingo yose y’igihugu wiyongereye bishimishije.

Uwo mushikiranganji amenyesha ko ububisha bukomakomeye bwagabanutse cane, agatanga uburorero, nk’ibisasu ntezwantoke (Grenades) vyatewe vyavuye ku gitigiri c’indwi (7) mu kwezi kwa Mukakaro, bija kuri 1 mu kwezi kwa Nyakanga. Ukunyuruzwa abantu vyavuye ku gitigiri ca 17 mu kwezi kwa Gitugutu bija ku gitigiri ca 1 muri Nyakanga. Harakozwe amasakwa arenga ibihumbi 3, inkoho zigera kuri 17 zo mu bwoko bwa Karachnikov zirafatwa, ama "Pistolets", amasasu ashika ku majana 9. Ibiro bishika 12000 vy’urumogi vyafashwe, ibiti 129 vy’urumogi vyaturiwe, hamwe n’inzoga zitemewe n’amategeko zirenga amaritiro 200000 zasheshwe.

JPEG - 70.8 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Mu gisata co kurwanya ibiturire, umushikiranganji w’Umutekano yamenyesheje ko amatoni 40 y’ikawa n’amatoni 17 y’ubutare yafatiwe mu rudandazwa rudaciye mu mategeko.

Mugisata co gukinga impanuka, ibisasu, inkoho amabombe n’ama mine vyarasambuwe.

Mugisata c’ubutunzi, umushikiranganji yamenyesheje ko amafaranga agera kuri 4.900.000.000 yinjiye mu kigega ca Reta biciye mu bikorwa bihurikiye mu bushikiranganji bw’umutekano.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Jewe nagira mvuge ku vyerekeye amasakwa y’ibigwanisho. Kubona mu masakwa arenga 3000 hafatwa inkoho 17 gusa uravye ibirwanisho vyatanzwe n’ingene vyirigwa biriha inkumbi hirya no hino, sinumva ico cegeranyo umwizero coha abanyagihugu. Babesha ngo bariko barasaka ibirwanisho, hanyuma tukumva ngo bahawe ikibanza ca mbere kandi inganda ziriko ziratikira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.