IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi mukuru w’Uburundi wahariwe urwaruka watangujwe

Umugambi mukuru w’Uburundi wahariwe urwaruka watangujwe

vendredi 18 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko uwo mugambi ufise intumbero yo gufasha urwaruka kugera ku ntambwe idasanzwe, mu bijanye n’indero, kwitegurira kazoza, amagara meza, hamwe n’ukubaho neza.

Mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe urwaruka wahimbarijwe mu ntara ya Kirundo kuri uwu wa gatanu, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, Jean Bosco HITIMANA yamenyesheje ko uwo mugambi ushizwe mu ngiro bizofasha ko igihugu c’Uburundi kigira urwaruka ruciye ubwenge mu bikorwa bitandukanye, urwaruka ruzi kwibeshaho, rukunda igihugu, urwaruka rudakoreshwa n’abashaka kuruta mu rudubi kandi rufise ivyiyumviro vyo kwiteza imbere hamwe n’uguteza imbere abandi, urwaruka rushobora kwifatira kazoza karwo mu minwe.

Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama agira asaba abafise ivyo bashoboye gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

"Nkaba nteye akamo amashirahamwe yose asanzwe afasha mu vyerekeye urwaruka, hamwe n’abo bose bafise ico bashobora guterera kuri uwu mugambi ko bowugira uwabo, ndetse bakawushira mu bikorwa vyabo vya minsi yose "Plans d’action".

Umushikiranganji HITIMANA agasaba abikorera ivyabo ko bofasha cane amashirahamwe y’urwaruka kurusha uko bahora. Aho agira umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama agira ati :

"Nta nkeka ko twese tugiye hamwe tukitaho urwaruka narwo rukadukundira rukatwereka umwete n’ubwira bwo gushaka gutera imbere, ko amahoro n’iterambere bizotsimbatara mu gihugu cose, no kw’isi yose."

Umunsi mukuru wahariwe urwaruka wahimbajwe ku civugo kivuga kiti : "Urwaruka duhamagariwe kubumbatira amahoro."

Mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama bavuga ko bikenewe ko ico civugo catowe kw’isi yose mu Burundi cokwunganirwa n’inyigisho ku bijanye n’amahoro n’umutekano, hamwe n’inyigisho zijanye n’imvugo ibereye kandi idakomeretsa ku rwaruka.

"Dukeneye kwubaka igihugu kirimwo urwaruka, abashingantahe n’abapfasoni babushitse, babana neza ata ka mwana wa mama canke mpinga yanje."

Muri ubwo bushikiranganji bakaba bizeye ko izo nyigisho urwaruka rugiye kuronswa mu biganiro vyateguwe zizorufasha mu buzima bwa minsi yose.

Umunsi mukuru w’urwaruka kw’isi yose watanguye guhimbazwa kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 1998, inyuma y’ikoraniro Kaminuza ryabereye i Lisbonne. Imbere y’aho, mu mwaka w’1991, urwaruka rwari rukoraniye hamwe mw’ihuriro ryagwo rya mbere ryatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Vienne muri Autriche, rwasavye ko hoba umunsi mpuzamakungu uhariwe urwaruka.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.