Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ntuzokwigera uhagarara’’
’’Umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ntuzokwigera uhagarara’’
mercredi 14 février 2018
Ahejeje kwiyandikisha kugira azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, hamwe n’ayo mu mwaka wa 2020, Jacques BIGIRIMANA yavuze ko ibijanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyavuye mu biganiro vyahuje abarundi vyabereye hagati mu gihugu.
Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL yavuze ko guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ari ngombwa, kandi mbere bibaye ngombwa kakaba n’agahato ko abantu baja kwiyandikisha, kuko ari ugushaka kw’abanyagihugu.
Ati :« Icipfuzo co guhinyanyura ibwirizwa shingiro cavuye mu gushaka kw’abanyagihugu. Nico gituma abantu bose bategerezwa kuja kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. »
- Jacques BIGIRIMANA,umukuru w’umugambwe FNL
Umukuru w’umugambwe amenyesha ko kubera hari ukudatahura kumwe ibiri mw’ibwirizwa shingiro, ari akaryo ko gushira umuco mw’ibwirizwa shingiro, kugira ukurisigura ugutandukanye bihagarare.
Jacques BIGIRIMANA aheza avuga ko ari abarundi bonyene ubwabo aribo bategerezwa kwishiriraho amategeko agenga igihugu cabo.
MUGISHA Van Naris
Messages
14 février 2018, 21:07, par Bitangimana
Amatoro Tuzoyitaba Kubwishi AKugira Twemeze Canke Duhakane Ibwirizwa Shingiro Kubwanje Mbe Ninde Atoryemeza Uwo Ntiyoba Ashaka Iterambere Arega Twarikukiye Ashaka Dusubire Muri Antiquite ?
17 février 2018, 04:32, par Busurahende
Abize bakanonosora Ikirundi nimumfashe kugira nsobanukirwe neza : Agahato n’ugushaka twovyita ivyitiranwa ? Canke har’aho abo twita abaserukira abandi usanga bapfa kuvuga batazi ivyo bavuga.