IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ntuzokwigera uhagarara’’

’’Umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ntuzokwigera uhagarara’’

mercredi 14 février 2018

Ahejeje kwiyandikisha kugira azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, hamwe n’ayo mu mwaka wa 2020, Jacques BIGIRIMANA yavuze ko ibijanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyavuye mu biganiro vyahuje abarundi vyabereye hagati mu gihugu.

Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL yavuze ko guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ari ngombwa, kandi mbere bibaye ngombwa kakaba n’agahato ko abantu baja kwiyandikisha, kuko ari ugushaka kw’abanyagihugu.

Ati :« Icipfuzo co guhinyanyura ibwirizwa shingiro cavuye mu gushaka kw’abanyagihugu. Nico gituma abantu bose bategerezwa kuja kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. »

JPEG - 50.7 ko
Jacques BIGIRIMANA,umukuru w’umugambwe FNL

Umukuru w’umugambwe amenyesha ko kubera hari ukudatahura kumwe ibiri mw’ibwirizwa shingiro, ari akaryo ko gushira umuco mw’ibwirizwa shingiro, kugira ukurisigura ugutandukanye bihagarare.

Jacques BIGIRIMANA aheza avuga ko ari abarundi bonyene ubwabo aribo bategerezwa kwishiriraho amategeko agenga igihugu cabo.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amatoro Tuzoyitaba Kubwishi AKugira Twemeze Canke Duhakane Ibwirizwa Shingiro Kubwanje Mbe Ninde Atoryemeza Uwo Ntiyoba Ashaka Iterambere Arega Twarikukiye Ashaka Dusubire Muri Antiquite ?

  • Abize bakanonosora Ikirundi nimumfashe kugira nsobanukirwe neza : Agahato n’ugushaka twovyita ivyitiranwa ? Canke har’aho abo twita abaserukira abandi usanga bapfa kuvuga batazi ivyo bavuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.