Umukuru w’igihugu yagenye abahanuzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 juin 2018 saa 09:19
78165
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA, yagenye Celestin NDAYIZEYE yahora arongoye ubushikiranganji bw’ibidukikije kuba umuhanuzi mukuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ajejwe imibano.

Celestin NDAYIZEYE yagenywe mu mabanga yo kuba umuhanuzi mukuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, n’itegeko inomero 100/063 ryo kuwa 18 Ruheshi 2018.

Uwundi yagenywe mu mabanga n’umukuru w’igihugu kuri iryo tegeko nyene, ni NDIKUMAGENGE Cleophace, yagenywe kuba umuhanuzi mu biro bijejwe ibibazo vy’ubutunzi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Celestin NDAYIZEYE yakuwe kuba umushikiranganji inyuma yaho hahinduriwe Reta, ubushikiranganji bugatunganywa ugushasha, ubushikiranganji bw’ibidukikije bukaja mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha